Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busabwa gufasha mu kuvuza ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busabwa gufasha mu kuvuza ba (...)

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busabwa gufasha mu kuvuza ba nyamwema

samedi 25 Nzero 2014

Banyamwema ni abanyagihugu batishoboye, bakwiye kuvuzwa k’ubuntu na Reta, kuko babangamiwe n’indwara zo ku rukoba nka za cancer yo ku rukoba, aho abashika 20 bariko barakurikiranwa na muganga Eliya Mupira.

Julienne nshimirimana ni umuvyeyi w’abana bane babanyamwema. Avuga ko afise ingorane zo kuvuza abo bana bose, mu gihe bafise iyo ngwara yo ku rukoba ari bane, agasaba ko yofashwa kugira ashobore kubavuza. Uyo mupfasoni n’umugabo wiwe bakaba atari banyamwema, n’aho aribo bamaze kwibaruka gusatanu, bane ari banyamwema.

Muganga Eliya Mupira agasaba Reta ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwokwitaho abo banyamwema, kuko ataburyo bafise, na rirya benshi bava mu ntara za kure nka Karuzi na Muyinga baje kwivuza iyo ndwara ya cancer yo ku rukoba, indwara ikunda ku babangamira, bivanye n’imishwarara y’izuba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.