Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burahumuriza kuvyashikirijwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burahumuriza kuvyashikirijwe na (...)

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burahumuriza kuvyashikirijwe na OAG

jeudi 20 Ruhuhuma 2014

Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu burahumuriza abanyagihugu ku vyerekeye ivyashikirijwe n’umuhinga wa OAG mu gihe bivugwa ko igice kinini c’imiti yinjira mu gihugu c’Uburundi ari imiti yataye igihe. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Hilaire Ninteretse aremeza ko utunenge tugihari, ariko akamenyesha ko hagiye kubaho uturusho twinshi mu vyerekeye ukungene imiti yinjira, uko igurishwa n’uko ikwiragizwa mu gihugu.

Inyuma y’ibiherutse gushikirizwa n’umuhinga wo mw’ishirahamwe rikurikirana ibikorwa vya Reta OAG (Observatoire de l’Action Gouvernementale) mu cigwa yakoze amenyesha ko igice kinini c’imiti yinjira mu Burundi yoba yarataye igihe, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe no kurwanya umugera wa Sida ntahakana ko hari utunenge tucibonekeza muri co gisata. Imiti yoba ibandanya ikoreshwa kandi yaravuye kw’isoko aha twovuga nk’umuti (fancidar, chloroquine), urudandazwa rw’imiti ya magendu, imiti yataye igihe hamwe n’abantu babandanya kudandaza imiti itemewe n’amategeko, ingaburo n’ibindi).
Kubwa Hilaire Ninteretse, kudandaza iyo miti ni nko kuroga abantu, ni naco gituma abagenduzi bo muri ubwo bushikiranganji bakora uko bashoboye kwose kugira bafate abo bantu n’aho hakiri ababaca mu ryahumye. Kimwe mu bigiye gukorwa rero hakaba hagiye gushirwaho igisata c’igihugu kijejwe kuraba ivy’imiti mu Burundi (autorité de régulation des médicaments).

JPEG - 62.4 ko
Imiti iri mu bubiko

Ku vyerekeye imiti yo gupfupfahaza hamwe naya miti ivura indwara ry’ivyuririzi yoba yarabuze mu bubiko, Hilaire Ninteretse amenyesha ko igiye kuboneka, igituma rero ibura akaba ari kubera baba basavye mike, ahandi naho ugasanga abari bajejwe kuyitanga batevye. Muri kazoza, bategekanya gusaba imiti myinshi ishobora kumara amezi atandatu canke arenga.

Ubwo bushikiranganji butera akamo abanyagihugu ko bokwijukira kuja kwa muganga bakirengagiza ababahenda kuko umuti ngirakamaro ari uwo umuntu akuye ku mavuriro canke mu nzu z’ubudandarizo zabigenewe, kandi zemewe n’amategeko.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.