Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burabeshuza Ebola mu Rumonge - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burabeshuza Ebola mu Rumonge

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burabeshuza Ebola mu Rumonge

lundi 6 Gitugutu 2014

Haciye iminsi bivugwa ko hoba hari umurwayi wa Ebola yabonetse mu ntara ya Rumonge. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, buserukiwe n’umuyobozi mukuru wabwo, burabeshuza iyo nkuru.

Umuyobozi mukuru muri ubwo bushikiranganji akavuga ko uwo muntu yiketsweko iyo ndwara asanzwe agira ingendo mu Burundi no muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC), ko yasuzumwe n’abajejwe amagara y’abantu mu Burundi, ariko ibipimo vyerekanye ko uwo muntu ata kimenyetso na kimwe c’indwara ya Ebola afise.

Tubibutse ko ikiza ca Ebola kimaze guhitana abarenga ibihumbi bitatu muri Afrika y’uburengero. Muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Ebola imaze guhitana abashika kuri mirongo ine.


Nadège Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.