Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushurashuzi mu mashure mato bwifashe gute? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubushurashuzi mu mashure mato bwifashe gute?

Ubushurashuzi mu mashure mato bwifashe gute?

mercredi 5 Ruheshi 2013

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 5 Ruheshi 2013, ubushikirangaji bw’amagara y’abantu bufadikanije n’ingoma y’igihugu ca Pays-Bas bashize ahabona umugambi ujanye n’ugufasha urwaruka kumenya ivy’irondoka rijanye n’amagara meza.

Uwo mugambi ushigikiwe n’ingoma y’igihugu ca Pays-Bas hamwe n’ishirahamwe Cordaid Burundi. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwari bwaserukiwe n’umushikiranganji aburongoye umupfasoni Sabine Ntakarutimana, mu gihe ingoma y’igihugu ca Pays-Bas nayo yaserukiwe n’uwuseserukira ico gihugu aha mu Burundi.

Mw’ijambo ryiwe,umushikiranganji w’amagara y’abantu yibukije inama mpuzamakungu yabereye mu gihugu ca Egypte hari mu 1994 ko Uburundi bwiyemereje hamwe n’ibindi bihugu vyo kw’isi mu nzira yo guhimiriza abanyagihugu mw’irondoka rijanye n’amagara meza.Ingorane rero, mw’irondoka rijanye n’amagara meza aha mu Burundi ziracibonekeza ari naco gituma uwo mugambi mushasha watangujwe ugiye gutangurira mu ntara zitandatu arizo Muyinga, Rutuna, Ruyigi, Karusi, Makamba hamwe na Cankuzo. Muri izo ngorane yatanze akarorero ko kutangana kw’ibitsina nayo ari intambamyi mu bijanye n’irondoka rijanye meza.

Amenyesha ko uburenganzira mw’irondoka ari ubw’umuntu wese yaba umugabo canke Umugore. Iyindi ngorane abavyeyi ntibubahuka kuganira n’abana babo ibijanye n’ibitsina ivyo navyo bikava ku ntambamyi zitandukanye akarorero nk’akaranga k’abarundi kuva na kera na rindi batigeza babiganira. Muri izo ngorane rero, nk’iyo ijanye n’akaranga k’abarundi ingoma ya Pays-Bas yiyemeje kuyikura mu nzira mu guhimiriza abakiri bato n’abavyeyi kugira bashobore kubiganira kuko ariyo nzira nyayo kugira uwo mugambi mushasha ushoboke.

Umuhinga rero yatunganije icirwa muganga Juma Ndereye yavuze ko uguhuza ibitsina ku misore n’inkumi b’abarundi bitakiri agaseseshwa rumuri kuko atanga akarorero k’abana baciga mu mashure matomato mu mwaka wi 2011-2012 amatohoza yerekanye abana batwaye Inda z’amashushu bagera ku 707.
Ariko rero ahakuru ngo biva k’ukuntu usanga babayeho atari vyiza, ubukene n’indero baba barahawe kuva bacaruka.

Icokorwa rero vya vuba, abavyeyi barahamagariwe kuganira n’abana babo ibijanye n’ibitsina hamwe n’irondoka rijanye n’amagara meza.
Hagiye kandi gushirwaho kwa muganga ibisata bizofasha imiyabaga kuronka inyigisho canke insobanuro kuvyerekeye ibitsina barahamagarira kandi n’amashengero kugira uruhara rukomeye muri uwo mugambi.


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.