Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushuri bwaraye buvutse ku bitaro « Van Norman » mu Ngagara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubushuri bwaraye buvutse ku bitaro « Van Norman » mu Ngagara

Ubushuri bwaraye buvutse ku bitaro « Van Norman » mu Ngagara

jeudi 31 Gitugutu 2013

Ku bitaro vyitiriwe « Van Norman » vyegukira ishure kaminuza y’umwizero wa Afrika (Univerisité Espoir d’Afrique), hari umukenyezi yaraye ahibarukiye abana batatu icarimwe, aribo bita “ubushuri”. Ivyo bikaba bidakunze gushika kenshi aho umuvyeyi yibaruka utuyoya dutatu icarimwe.

Mu Ngagara ikaratiye y’8, mu bitaro "Van Norman" haraye havukiye ubushuri. Iyo nkuru ikaba yanezereje abatari bake, haba ku ruhande rw’abavyeyi n’umuryango w’abo bana bavutse, haba kubavyumvise. Ni iteka n’akanyamuneza kuri ivyo bitaro, kuko aribwo bwa mbere habonetse umuvyeyi yibarukira ubushuri kuri ivyo bitaro vyitiwe "Van Norman".

Muganga Eric Nzeyimana arongoye ibitaro vyitirwe "Van Norman", ati: "Twahora twakira abavyeyi bibaruka umwana umwe canke abana babiri, ariko uno munsi vyabaye imbonekarimwe kuri bino bitaro turongoye, kuko hari umuvyeyi yashoboye kwibaruka abana batatu icarimwe, bita ubushuri. Ni iteka kuri twebwe kubona twoshoboye gufasha uwo muvyeyi kwibaruka ata ngorane nini zihabaye, gushika abo bana uko ari batatu bavuke, ku bitaro nk’ibi vyari bimaze igihe gito gusa bitanguye".

Ubwo bushuri bwavutse biciye mu buryo bwo kubagwa bita “Césarienne programmée”. Ariko nta ngorane zahabaye kuko abo bana uko ari batatu bavutse bakomeye, kandi bafise ibiro bikwiye. Ubwo bushuri ni utwana tw’uduhungu, tubiri twa mbere twavukanye ibiro 2 n’amagarama 250, akandi nako kavukana ikiro kimwe n’amagarama 800.

Kubwa nyina w’abo bana, ati ni umunezero udasanzwe kuri jewe n’umuryango wanje kubona naronse abana batatu ata ntambamyi nini zihabaye no kubona abana bavukanye ibiro bikwiye ugereranije n’abandi bahora bavuka barenze babiri.

Kubw’iyo nkuru nziza yabonetse kuri ivyo bitaro vyitiriwe "Van Norman", muganga Eric Nzeyimana yateye akamo abavyeyi bose ko boza bariyumvira kwibarukira ku bitaro, kuko iyo bavyariye mu mihana iwabo bashobora kugira ingorane haba, ku mwana canke ku bavyeyi nyene. Ati nk’akarorero, iyo bishitse umuvyeyi ntiyibarukire kwa muganga, umwana ashobora kuvukana utugorane tutari duke. Iyo havutse babiri canke barenze, umwe muribo ashobora kubura amaraso bikaba ingorane ku wibarukiye muhira. Nico gituma bisabwa ko yibarukira kwa muganga kugira bashobore kumukurikiranira hafi.

Ku bavyeyi bibarutse abana barenze babiri, muganga Eric Nzeyimana yasavye ko abo bavyeyi babo bobaba hafi gusumba, na cane cane serugo, kuko iyo umuvyeyi yitaweho, agira n’amaberebere menshi yo guha abana. Ikindi naco, abagabo bafise uruhara ntangere mu gukura kwabo bana no mukugira amagara meza kwa nyina w’ibibondo. Kubw’ivyo, bisabwa ko boreka kwigira sindabibazwa, bakaba hafi imiryango yabo.

Twobibutsa ko kuri ivyo bitaro vyitiriwe Van Norman, hama haba amasekeza yo kubaga indwara zitandukanye, muri kino gihe hakaba hariko baha isekeza ryo kubaga rizomara amezi abiri. Ni isekeza ririko rikorwa n’umuhinga w’umugira neza yaje ava mu gihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika, akaba ariko arabaga abafise ingorane z’ibivyimba vyo mu nda n’abafise ingorane z’ababazwe nabi, canke bafise ubumuga ku maguru.

Mwomenya ko abaza bose kwibagisha muri iryo sekeza bahungukira ibitari bike, haba mu mukugira amagara meza, canke mu buryo bw’amafaranga batanga, kuko bagira amahirwe y’igabanuka ry’ibiciro vy’amafaranga bariha ku bice 70 kw’ijana. Iryo sekeza ryo kubaga rikaba ryatanguye mu kwezi kwa Gitugutu, rikazobandanya gushika kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2013.


Mariella Bukuru

Messages

  • Oooohhh mbega vyiza !!!!!!!!!!! biranryoheye

  • Kwibaruka ni imihezagiro kandi ni Uhoraho aba agomba kutubwira ikintu kihari canke kigiye kuba. Ende tubishire mu biganza vy’Uhoraho atabaze u Burundi na beneco amahoro n’umwumvikano hagati y’abarongozi n’abandi bategetsi b’Imigambwe n’amashirahamwe atandukanye mu gihugu cacu. Ko cette Constitution itotuma abarundi turyana.

  • Ni vyiza ko muza muratumenyesha iby’igihe. Twibaza rero ko Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu azoshobora kubagarukirako nkuko yabikoze n’ahandi!
    Hanyuma le webmaster w’ino site yokosora gato: Von Norman canke Van Norman??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.