Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuyapani bwahaye Uburundi infashanyo ingana hafi imiriyoni 5 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubuyapani bwahaye Uburundi infashanyo ingana hafi imiriyoni 5 (...)

Ubuyapani bwahaye Uburundi infashanyo ingana hafi imiriyoni 5 z’amadorari

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabina Ntakarutimana yarashize umukono ku nfashanyo yamafaranga arenga imiriyoni zine z’amadorari y’abanyamerika u Burundi bwahawe n’ikigo c’abayapani kijejwe imigenderanire n’ayandi makungu ( JICA) mu npfunyapfunyo.

Ayo mafaranga akaba agenewe gufasha muguteza imbere ivy’ubuvuzi muntara za Gitega na Mwaro cane cane mu kwakira abakenyezi bibaruka. Iyo nfashanyo ikaba yashizwe ko umukono kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Ruhuhuma. Abashize umukono kuri iyo nfashanyo akaba ari umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabina Ntakarutimana n’uwuserukira igihu c’Ubuyapani mu burundi .

Sabina Ntakarutimana akaba yamenyesheje ko uwo mugambi uzomara imyaka ine kandi ko bazotandukira n’izindi ntara. Iyo nfashanyo ikazofasha no mugukarihiriza ubwenge abaganga.

Mwijambo ryiwe , uwuserukira Ubuyapani mu Burundi Takata Toshihisa amenyesha ko igihugu ciwe kizokwama gifasha abarundi mu migambi yo kwiteza imbere. Ayo makuru tukaba tuyakesha bagenzi bacu b’insamirizi y’igihugu.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.