Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda: Umugabo yagize ubugeni n’umugore babonanye ubwo nyene - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Uganda: Umugabo yagize ubugeni n’umugore babonanye ubwo nyene

Uganda: Umugabo yagize ubugeni n’umugore babonanye ubwo nyene

samedi 14 Ruhuhuma 2015

Umugabo wo muri Uganda yagize ubugeni n’umugore babonanye ubwa mbere. Inyuma y’amasaha makeyi bicaranye mu bunywero bahavuye bagira umunsi mukuru w’ubugeni.

JPEG - 101.9 ko
I Bubamfu:Kaigwa na Rose, i buryo: Joanita Nakubulwa umugore wa mbere

Mali Kaigwa afise imyaka 35 aba mu karere Nakisunga neza na neza ahitwa Mukono yikorera utwiwe yagiranye ubugeni na Rose Nansubuga. Abo babiri bahuriye mu bunywero bariko bizimya akanyota. Ntibari bazinanye ariko batanguye kuyaga bavuganye ivy’urukundo maze barumvikana. Ntibitevye Mali Kaigwa yiganira Rose ko afise umugore yitwa Joanita Nakubulwa ariko uwo mugore wiwe afise ingeso mbi cane. Joanita Nakubulwa yagirizwa n’umugabo wiwe ko arenga ibigo, ko yifata nk’amaraya ntamwubahe, ko kandi yavyaye abana babiri n’uwundi mugabo. Mali Kaigwa arumvisha Rose ingorane afise maze amusaba ko bokwibanira.

Inyuma y’amasaha ane kuva babonanye, Kaigwa na Rose bahavuye bagira urubanza ry’ubugeni, babifashijwemwo n’ababanyi biwe n’umukuru w’umutumba wa Kyetume. Ibirori vyabaye umugore wa mbere wa Kaigwa Joanita Nakubulwa arorera. Bamubajije uko abibona n’ico abivugako, yishuye ati:" Jewe ndazi uko ubugeni buciye mu mategeko bumera, umugabo wanje aramuhenze Rose kuko ntibubakanye biciye mu mategeko".

Mw’ijambo ryiwe imbere y’abantu bari baje kuraba ubwo bugeni bw’imboneka rimwe, Kaigwa yabwiye abantu ko ivyo abigize kubera amakosa yahora agigwa n’umugore wiwe wa mbere, ntashaka rero kuguma muri izo ngorane. Yongera kandi avuga ati:" Niyo nasanga n’uyu Rose ameze nka Joanita Nakubulwa, nzorondera uwa gatatu gutyo gushika ndonse umugore akwije ivyo nshaka".

Ayo makuru yose atangwa n’ikinyamakuru co mu Buganda "Daily Monitor" ahera avuga ko Joanita Nakubulwa umugore wa mbere wa Kaigwa agiye kwitura aba kurambere bo ku gasozi bamutunganirize.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.