Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uguhahamuka, indwara ya mbere ibangamiye imiyabaga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uguhahamuka, indwara ya mbere ibangamiye imiyabaga

Uguhahamuka, indwara ya mbere ibangamiye imiyabaga

dimanche 25 Rusama 2014

Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS), uguhahamuka, kuri ku rutonde rwa mbere rw’indwara zibangamiye imiyabaga kugahitana urwaruka rw’imyaka iri hagati y’imyaka 10 na 19.

Nk’uko vyashikirijwe n’ishirahamwe OMS, mu matohoza yakozwe, uguhahamuka arivyo bita kandi mu gifaransa “depression”, niyo mvo ya mbere ituma urwaruka rukiri imiyabaga kw’isi rupfa kare. Bimwe mu bituma abenshi bapfa bivuye kuri ukwo guhahamuka, akaba ari amasanganya aba mw’ibarabara, umugera wa SIDA hamwe n’ukwiyahura. Mu mwaka w’i 2012, kw’isi yose, hakaba haharuwe imiyabaga irenga ku muriyoni yahasize ubuzima bivuye ku guhahamuka.

Muti isano ryoba riri hagati y’uguhahamuka n’izo nsanganya zitatu, ryoba ari irihe?

Abahinga mu vy’inyifato, bavuga ko uguhahamuka ari inyifato ishobora gutuma umuntu akora ico atari yateguye gukora kubera ukurengerwa n’ivyo abarimwo. Nk’akarorero, umwana yabuze abavyeyi hakiri kare, agaca akurira mu buzima butoroshe, bishobora guca bimutuma ahahamuka kubw’ubuzima arimwo atari yipfuza kugira, agaca agira ingeso atogize. Abenshi muri bo baca baja mu buhumbu, mu kunywa ibiyayuramutwe, ivyo navyo akaba arivyo bibatuma bagira inyanganya canke bakahandurira indwara zidakira.

Bubaye ubwa mbere, ishirahamwe OMS rishira ahabona icegeranyo gikwiye, kivuga ibijanye n’ingorane z’amagara y’imiyagaba uko yifashe. Muri izo ngorane hakavugwa izijanye n’ukunywa itabi, inzoga n’ibiyayuramutwe,ikiza ca Sida, ingorane zo mu mutwe, ingorane zo gufungura nabi, ubuhumbu, n’inamabi afatiye ku gitsina. Ishirahamwe OMS, ritangaza rivuga ko impavu zituma izo ngorane zose ziba , aruko ama Reta atitaho ikibazo c’amagara y’urwaruka, na cane cane abari hagati y’imyaka 10 na 19. Abageramiwe kurusha akaba ari imisore kurusha abigeme ku bwa’amasanganya bagirira mu mabarabara.

Ku bijanye n’urutonde rw’ukungene ibihitana urwaruka ruri hagati y’imyaka 10 na 19 y’amavuka bikurikana, uguhahamuka kuza imbere, hagakurikira ubwa kabiri, ugucibwamwo, ubwa gatatu hakaza ukwiyahura, hagasubira ubwa kane, indwara zo guhema. Ku bigeme bari hagati y’’imyaka 15 na 19, ikibica cane ubwa kabiri ni ingorane bagira bariko baribaruka. Abavurwa cane kaba ari abari mu mugabane wa Aziya na Afrika.

Mwomenya ko muri ico cegeranyo cakozwe ku bihugu birenga 100 vyo kw’isi, casohowe n’ishirahamwe OMS, bivurwa kandi ko urwaruka rugeramiwe no kutagira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.