Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingene umuntu yokwirinda ingaruka mbi ziva ku mwitwarariko (stress) (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingene umuntu yokwirinda ingaruka mbi ziva ku mwitwarariko (stress) (...)

Ingene umuntu yokwirinda ingaruka mbi ziva ku mwitwarariko (stress) atarinze gufata imiti

mardi 17 Ruhuhuma 2015

Umwitwarariko arivyo bitwa "stress" biri mu bintu bibi bituma abantu batabaho neza kandi ata mahoro baronka. Iyo umuntu agumana umwitwarariko birateba bikaba akamenyero, bikazana ingaruka mbi ku mibereho y’abantu mbere no ku magara y’abantu.

Umuganga Philippe Rodet akongera akaba umwanditsi w’igitabo ’’Le bonheur sans Ordonnance" yatanze umuco abicishije ku kinyamakuru lexpress, ukuntu umuntu yokwirinda ingaruka mbi ziva ku mwitwarariko (stress).

Philippe Rodet avuga ko umwitwarariko ari ikintu kibi cane mu gihe vyibonekeza kenshi (chronique), hama umuntu bikamugora kuvyirinda. Ivyigwa bimaze gukorwa birerekana ko kugira umwitwarariko bifise ingaruka mbi iyo vyibonekeza kenshi. Muri ico gihe, abantu benshi baca bafata imiti igabanya uwo mwitwarariko.

Impanuro z’buryo umuntu yokwirinda ingaruka mbi ziterwa n’umwitwariro

1. Kugira immenyerezo y’umubiri (sport)

Birafasha kugabanya umwitwariro. Iyo myimenyerezo y’umubiri ituma umuntu yibagira ivyo yiriwemwo vyatumye agira umwitwarariko, mbere akanaruhuka mu mutwe. Nk’akarorero, umuntu avuye mu mirimo yiwe, agatambuka nk’iminota 30 ku munsi, birafasha kugabanya umwitwarariko.

2. Gukora ikintu ukunda

Abantu benshi bakunda kugira umwitwarariko bivuye ku kazi bakora katabaryohera canke bafise ingorane aho bakorera, iyo batashe canke bahejeje akazi kabo barashobora gukora ikindi kintu kibaryohera mu buzima kugira bibagire ivyo biriwemwo. Iyo umuntu yaruhutse mu mutwe, arashobora kwicara akiyumvira ingorane imwe imwe afise atekanye hama akayitorera inyishu.

3. Gufata umwanya wo kwisuzuma

Uko umunsi uheze, umuntu arashobora gufata nk’umunota umwe akaraba ivyagenze neza n’ivyagenze nabi atiriwe arimena umutwe, hama akaraba ico yokosora nico yokora. Mu gihe umuntu atoye inyishu ku ngorane, ico kibazo nticosubira kumuhagarika umutima, mugabo yabuze inyishu arashobora kwandika ico kibazo ahantu akaciga iyindi minsi.

4. Kwibuka bimwe mu bintu vyiza umuntu aba yakoze

Philippe Rodet yongera ahanura abantu ko mu gihe bagiye kuryama bihatire mu kwiyumvira ibintu bitatu vyiza bakoze, vyabaryoheye kugira umuntu ashobore kuruhuka neza. Ivyo birafasha mu kugabanya umwitarariko mbere ugasanga umuntu atanguye kwibagira imyitwarariko aba afise.
Abantu bama babona ibintu ko vyama bigenda nabi (pessimistes), Philippe Rodet abahanura ko bakwiye kuraba ibintu vyiza bakoze canke ikintu ciza baterereye, ivyo bituma babona ibintu neza, hama bakirinda umwitwarariko.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.