Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukurenza mu kunywa ikawa gufise ingaruka ku kuronka itiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ukurenza mu kunywa ikawa gufise ingaruka ku kuronka itiro

Ukurenza mu kunywa ikawa gufise ingaruka ku kuronka itiro

mercredi 20 Munyonyo 2013

Ikawa ni kimwe mu binyobwa bikundwa kandi binyobwa cane kw’isi. Intumbero abenshi bayinywera, ni ukugira ntibasinzire mu gihe bakiriko barakora. Ariko hari abayinywa bagaca babura itiro burundu muri uyo mwanya batavyipfuza.

Nk’uko icirwa caraye gisohotse mu kinyamakuru Clinical Sleep Medecine kibivuga, bafatiye ku banywa ikawa nyinshi, basanze ikiwa iri mu bituma umuntu ashobora kubura itiro mu mwanya muremure.

Abenshi baribaza rero, isaha nziza yo kunywerako ikawa ku munsi kugira ntibahave babura itiro mw’ijoro. Abagize icirwa ku bijanye n’ingaruka z’ikawa kw’itiro bavuga ko kunywa ikawa inyuma y’umutaga canke amasaha atandatu imbere yo kuryama, bituma umuntu abura itiro.

Christopher Draken, umuhinga mu vy’inyifato, akaba n’umwigisha muri kaminuza ari mubatanze ico cirwa casohotse, avuga ko kunywa igikombe kimwe (« tasse ») c’ikawa ku mugoroba bifise ingaruka mbi kw’itiro. Si vyiza rero kuyinywa umuntu agire uryame.

Ivyo vyirwa bikaba vyemejwe inyuma y’itohozwa ryakozwe ku bantu 12 basanzwe basinzira ibisanzwe, ku bitaro vyitiriwe Henry-Ford i Detroit muri Leeta Zunzubumwe z’Amerika. Muri ico cirwa, abanywi b’ikawa nyinshi, bari bategetswe kutanywa ikawa mu kiringo c’iminsi ine ikurikirana. Aho basabwa guca banywa ibinini bisubirira ikibanza aho bahora banya ikawa. Ivyo bikaba ku masaha atandukanye. Ikinini ca mbere bakaba bagifata amasaha 6 imbere yo kuryama, ica kabiri imbere y’amasaha 3, ica nyuma bakakinywa bagire baryame.

Intumbero akaba kwari kugira babone itandukaniro ry’ibinini bikozwe mw’ikawa hamwe no kunywa ikawa. Icashitsweko nuko ikawa yanyowe amasa make imbere yo kuryama ifise ingaruka mbi kw’itiro. Ivyo bikaba biri no mumatohoza yari yakozwe n’umurwi w’abahinga bo mu bihugu vya Buraya mu mwaka w’i 2011.

Ukwo kubura kw’itiro mu kiringo c’isaha, biterwa no kunywa ikawa amasaha atariyo, gufise kandi ingaruka zitari nziza mu kudakurikira neza ivyo umuntu aba ariko arakora mu mirimo yiwe yo ku murango.

Abahinga bagize ico cirwa, bavuga ko abanywi b’ikawa batigera bamenya ko bataronse itiro mu kiringo c’isaha yose, kubw’uko baba bamaze kumenyera kuyinwa.

Bati : « Ikawa ntiyari mbi ubwayo, ariko ni vyiza kwigerera mu kuyinywa mu kwirinda ingaruka mbi zishobora kuza inyuma yo kubura itiro ».


BUKURU Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.