Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Abarundi basabwa kwijukira kurima kijambere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Burundi : Abarundi basabwa kwijukira kurima kijambere

Burundi : Abarundi basabwa kwijukira kurima kijambere

mercredi 29 Nzero 2014

Ukurima kijambere birafasha mu butunzi bw’umuryango, ndetse bigatuma ivyimburwa vyiwe bisahiriza mu bindi bikorwa, bikagabanya kwama umuntu yitwararika iyo azokura amafaranga yo guhemba abamukoreye, canke amafaranga y’umwavu. Ivyo bikaba bimenyeshwa na Anicet Ndoricimpa, umurimyi mworozi wo mu ntara ya Kayanza.

Ndoricimpa yarijukiye cane kurima kijambere n’ukworora. Afise umurima w’ibitoke, aho igitoke kimwe gusa gishobora gupima ibiro bigera kuri 50. Ivyo akavuga ko bimufasha, na rirya bimwe aca abishoba, amafaranga avuyemwo agahemba abakozi bamufasha gutunganya indaro y’ibitungwa, ayandi nayo agahemba abakora mu mirima, mu giheibindi nawe abifungura n’umuryango wiwe.

Ndoricimpa abandanya avuga ko ata n’ingorane y’umwavu agira, kuko awukura mu bitungwa vyiwe. Akaba yoroye ingurube, inka n’inkoko. Uyo murimyi mworozi, akaba ahanura abandi barimyi bo mu Burundi, kwijukira kurima no kworora kijambere, kuko bitunga umuryango, bikagabanya ubukene bwugarije imwe mu miryango, bakareka kwama bitwararika imbuto za kera canke zitarobanuye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Jewe nariboneye, kuri TV imirima n’ibitungwa bitandukanye atunze, ndamushima nukuri uravye n’abantu yahaye akazi ahubwo akwiye agashimwe. Leta ikwiye kwitwararika abantu nkabo mukubafasha mumigambi yiterambere

  • turashima umugambi mwiiza yagize mukwiyumvira igitegwa c .igitoke kuk gitez imbere imiryango mwishi mukuronsa akazi bantahonikora ekambe nabafise ubumeyi muvyohingugwa mugitegwa cigitoke nkaba ndangije ndamushimi no kuyindi migambi yimirije kuturonsa

  • turashima umugambi mwiiza yagize mukwiyumvira igitegwa c .igitoke kuk gitez imbere imiryango mwishi mukuronsa akazi bantahonikora ekambe nabafise ubumeyi muvyohingugwa mugitegwa cigitoke nkaba ndangije ndamushimi no kuyindi migambi yimirije kuturonsa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.