Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukwigumizamwo ivyababaje umutima bitera indwara umubiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ukwigumizamwo ivyababaje umutima bitera indwara umubiri

Ukwigumizamwo ivyababaje umutima bitera indwara umubiri

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Kubura akayabagu n’itiro, kumeneka umutwe, gukangagurika canke kugangabuka mw’itiro, kugira imisonga ikomeye mu mubiri, kuribwa mu nda ni zimwe mu nkurikizi zivuye kugutwarwa n’imyitwarariko y’ubuzima.

Hari ibimenyetso vy’indwara bikunda kwibonekeza mu mubiri, ariko ntibishobore kuvurwa n’imiti kuko biba vyavuye ku myitwarariko y’ubuzima iba yugarije umurwayi.
Abahinga mu bijanye n’inyifato bavuga ko ingorane z’ubuzima zifisemwo uruharo rudasanzwe ku ndwara zimwe zimwe zishikira umuntu. Iyo umuganga avuye gusa ibimenyetso bigaragara vy’indwara, ntavure icatumye indwara iza, iyo ndwara ntiheza ikira n’aho umurwayi yofata imiti.

Médiatrice Nibasumba, umwe mu bahinga mu bijanye n’inyifato, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, kuri uyu wa kabiri wa 11 Ruhuhuma yamenyesheje ko ari ivya nkenerwa ko ubuvuzi busanzwe buhari bukoresha imiti bwokorana n’ubuvuzi buraba ivy’inyifato (psychoterapie) kugira umurwayi avurwe impande zose. Iyo bishitse umurwayi akavurwa, mu bipimo ntibabone igituma indwara kanaka yibonekeje, ni ngombwa ko ubuvuzi buraba ivy’inyifato busuzuma nabwo umurwayi kugira barabe ko bitoba vyavuye ku mibereho y’ubuzima.

JPEG - 30.7 ko
Médiatrice Nibasumba

Nk’akarorero, umurwayi ashobora kwumva ababara mu mushishito, canke akagira ingorane z’umutima, ibipimo bikaduka. Mu gihe ubuvuzi bw’imiti butabonye impamvu ziboneka zabiteye, umurwayi bashobora guca bamubaza ko ata ngorane z’ubuzima zoba zamushikiye. Kubura uwawe, kwumva inkuru idahumuriza canke kurwa igihuhumura kuvyo aba yabonye atari yiteze, guhahamuka, biri mu bishobora kuba vyateye izo ndwara zo mu mubiri.

Mu bushakashatsi bwakozwe, basanze ko hari abantu bashobora kuduza ibiro mu buryo budasiguritse (prise de poid involontaire) canke bigakoroka mu munya muto (anorexie), bitavuye ku mfungurwa afungura ariko bivuye ku ngorane canke ku myitwarariko y’ubuzima umuntu aba yahuye nazo.
Kubwa Nibaruta, umuntu afise ingorane canke amaganya muriwe, ntiyari akwiye kwigunga wenyene, yari akwiye kwegera abandi akarondera uwo yobwira ibimubabaje mu gusohora ibiri muriwe kugira ntibikwege indwara zo mu mubiri.

Twobibutsa ko ubushakashatsi mu bijanye n’inyifato bwemeza ko kudasohora ivyababaje umutima bishobora gutera indwara zitoroshe gukira, nk’umushishito canke umutima.


Mariella Bukuru

Messages

  • Thanks that is strees management nukuza urafasha abantu appreciate kuko abantu baguma bagora abantu na politique gusa ntibigire babarira ingene bokwifata bashikiwe ningorane iki nikintu kciza baho bamwe babaona kumengo nibisanzwe ariko ivyo dukeneye nibi birimo IMANA IKOMEZE KUBAHA INGOGA MURAKOZE

  • Nukuri Ubu Ibihahamur’abantu Ni Vyinshi Nico Gituma Kwitanaho Bikenew Na Cane Can Mu Ngorane.Tutibagiy’Imana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.