Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugabo wa mbere arya indya nyinshi azokwitaba ihiganwa mpuzamakungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umugabo wa mbere arya indya nyinshi azokwitaba ihiganwa mpuzamakungu

Umugabo wa mbere arya indya nyinshi azokwitaba ihiganwa mpuzamakungu

jeudi 11 Kigarama 2014

Umugabo wa mbere mu kurya indya nyinshi wo mu Rwanda bivugwa ko yiteguriye ihiganwa mpuzamakungu rizomuhuza na Patrick Bertoletti w’umunyamerika. Uwo mugabo indya ariye ntawozikorera ku mutwe.

Temarirwe

Azwi kw’izina rya TEMARIRWE Abdalah, asigaye ari igihangange mu mahiganwa mpuzamakungu yo kurya. Mw’ihiganwa ryabaye mu mwaka w’2012 muri Mukakaro, TEMARIRWE yahiganwe n’imisore ibiri Regis Uwamungu na Nsengiyuma Gilbert. Imbere y’uko ihiganwa ritangura, uwo mugabo w’inda ndende yabanje aterura ibidumu bitatu vy’amaritiro 20, kimwe agiteruza amenyo, ahejeje yaciye amiragura amagi 10 mabisi.

Muri iryo higanwa basabwa umwe wese kurya ibiro bitatu vy’inyama (3kilos de viande), ibiro bitatu vy’umuceri (3kilos de riz), amafanta cumi (10 fantas Tonic), imihwi ipima ikilo (1kilo de régimes de banane). Regis Uwangu yatsinzwe kare, hasigara TEMARIRWE na Gilbert. Naho Temarirwe yatsinze muri iryo higanwa siwe yariye vyinshi ariko uwo mugabo yaciye aguma yitaba amahiganwa atandukanye kandi aguma yongerako urugero rw’indya.

Mu mahiganwa yabereye muri Uganda, TEMARIRWE yariye ibiro 17 vy’ubugari bw’ibigori, uwo bahiganywe ntiyarengeje ibiro 7. Ari naho yishimiye cane intsinzi mw’ihiganwa rizomuhuza n’umunyamerika Patrick Bertoletti amaze gutwara ubushimwe bwinshi, ashobora kuba ariwe wa mbere kw’isi mu kurya.

TEMARIRWE afise imyaka 61, afise umugore n’abana batatu.

Raba aha munsi uko ihiganwa ryagenze


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.