Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi mushasha w’irondoka rijanye n’amagara meza warasiguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umugambi mushasha w’irondoka rijanye n’amagara meza warasiguwe

Umugambi mushasha w’irondoka rijanye n’amagara meza warasiguwe

mercredi 6 Ntwarante 2013

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya Sida bwaratunganije inama kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante 2013. Intumbero y’iyo nama kukaba kwari ugusigurira abatanga amafaranga n’abafasha muri ico gisata, umugambi w’igihugu mushasha w ‘irondoka rijanye n’amagara meza, uwo mugambi ukaba ugenewe umwaka wa 2013 gushika muri 2015.

Mw’ijambo ryo kwugurura iyo nama, umushikiranganji w’amagara y’abantu, muganga Sabina Ntakarutimana, yamenyesheje ko uwo mugambi uhuye n’umugambi wa Leta wo kugabanya igwirirana ry’abantu no kurwanya ubukene bise CSLP װ, hamwe n’umugambi w’igihugu wo guteza imbere amagara y’abantu, uwo nawo ukaba watanguye muri 2011 ukazoshika muri 2015.

Ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi rikaba rijanye n’imigambi y’ikimpumbi ijanye no kugabanya bimwe biboneka abavyeyi bapfa bariko baribaruka hamwe n’abana bapfa bariko baravuka.

Kubwa Juma Ndereye umuyobozi mukuru wa PNSR, ngo uyo mugambi washobotse kubera ugushaka kwa politike, kuko uyo mugambi uri mu yindi itari mike iri mu nzandiko zitandukanye zerekana imigambi y ‘iterambere mu gihugu cose. Icihutirwa muri uyo mugambi akaba ari ukugabanya igwirirana ry’abantu.
.
Ndereye Juma yabandanije avuga ko kugabanya abavyeyi bapfa bariko baribaruka be n’abana bapfa bariko baravuka vyari bisanzwe bitegekanijwe muri wa mugambi wo kurwanya ubukene bise vision 2025 wa CSLPװ. PNSR rero ngo ikaba itasigaye inyuma mu kwisunga uyo mugambi mu bikorwa vyayo.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.