Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi mushasha wo gusanga abarwaye kubavurira muhira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umugambi mushasha wo gusanga abarwaye kubavurira muhira

Umugambi mushasha wo gusanga abarwaye kubavurira muhira

mardi 21 Rusama 2013

Umugambi SOMADO (Soins Médicaux à Domicile) ujejwe kuvura abarwayi ubisangiye muhira waratangujwe ku mugaragaro muri kuno kwezi kwa Rusama 2013 wemejwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Uwo mugambi ukaba watangujwe mu mwaka w’2012 na muganga Minani Isaac arongoye ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Uwo mugambi SOMADO ukaba uje ufise uturusho twinshi mu buryo bwo kuvura abarwayi, na cane cane ku barwayi bari bafise ingorane zo kwivuriza kwa muganga bivanye n’akamoto kaho batashobora kwihanganira, ku bana batinya kubona abandi bariko barabavura, ku bari bafise ibikoresho vyo kwivuriza muhira ariko badashoboye kubikoresha, ari nk’ishinge z’ingwara y’igisukari bisabwa guterwa kenshi, ari nko gupima umutima, n’izindi ndwara eka no ku bandi bahumuye bataba bagishoboye gushika kwa muganga canke kuhaguma umwanya muremure barindiriye kuvurwa.

Aho mwoca mwibaza utwo turusho utwo aritwo tuje dusumbiriza ubuvuzi bwari busanzwe bukorwa mu Burundi.

Umugambi SOMADO ufasha abamaze kwiyandikisha, n’uwo ariwe wese avyipfuza kandi abishoboye. Ariko gushika ubu, uwo mugambi uri kubitaro vyitiwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, bikaba biriko birigwa uko woshitswa no ku bindi bitaro vyo mu gisagara ca Bujumbura.

Iyo umuntu yarwariye muhira, araterefona SOMADO, ntazorinda gushika kwa muganga kuko hari umurwi wo muri uwo mugambi wateguwe kuza kufasha umurwayi umuzaniye n’ivyankenerwa vyose. Mu gihe bishitse naho uwo murwayi akaremba, SOMADO yarateguye ivyankenerwa vyose mu muduga wayo ari nk’ibikoresho canke abaganga bazokurikiranira hafi umurwayi gushika akire.

SOMADO ukaba ufise intumbero yo gufasha abo bose babishoboye kandi bavyipfuza, ufise ibikoresho vyose kandi biteye imbere. Kubari bafise ingorane zo gushika kwa muganga ntibazorinda kuhashika kuko uzobisangira muhira.

Kuwukeneye kuja muri uwo mugambi, yokwishikira kuri ivyo bitaro canke agaterefona hama kubibaza ko atari vya bose, SOMADO yaje kugira bafashe uwo wese yipfuza gukingira amagara yiwe, amazi atararenga inkombe.


Mariella Bukuru

Messages

  • nivyiza ko somado ko yateguye iki gikorwa .ariko nkuru nsomye umwanyu handitswe ko atari vyabose ? ko umuntu yo kw ishikira aho ikorera munyuma bakavugana. jewe ndibaza ko ubuvuzi n’ ubwamagara yabantu bogira site ya internet bakandikako ibisabwa kugirango abantu bamenye ibisabwa. ikindi iyandikwa rirashobora nokubera kuri site yabo nyene kuko interambere ryaraje ahuko abantu baguma bata umwanya batonda kwa munganga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.