Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi mushasha wo kuvura igituntu watangujwe ku mugaragaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umugambi mushasha wo kuvura igituntu watangujwe ku mugaragaro

Umugambi mushasha wo kuvura igituntu watangujwe ku mugaragaro

vendredi 30 Myandagaro 2013

Umugambi mushasha wo kuvura indwara y’igituntu ku mezi icenda watangujwe ku mugaragaro mu Burundi, mu gihe ibindi bihugu vyo muri Afrika bisanzwe bivuga ururimi rw’igifaransa vyari bimaze gutangura uwo mugambi.

Ubwo buryo bushasha bwo kuvura igituntu amezi icenda gusa, buje gusubiririra uburyo bwari busanzwe bwakorwa ku mezi 12.
Mu cirwa cakozwe n’abahinga bava mu bihugu cumi vyo muri Afrika bivuga igifaransa, basanze ko, uko haba uruja n’uruza rw’abantu barwaye igituntu mu bihugu bihana imbibe, niko bayikwiragiza hose. Ikindi naco, muri ivyo bihugu cumi, igihugu cose cari gifise uburyo bwaco bwo kuvura igituntu, bigaca bigorana ko uwo ayirwaye abandanya gukurikiranwa mu gihe afashe urugendo. Ni naco gituma ivyo bihugu vyagiye hamwe kugira bikorere hamwe kuri uwo mugambi mushasha wo kuvura indwara y’igituntu ku mezi icenda, habaye akarusho bizoca biguma biwukorerako.

JPEG - 37.1 ko
Muganga Thadée Ndikumana, umwe mu batanze inyigisho

Muti none uwo mugambi uzokoreshwa ku barwayi bose b’igituntu? Muganga Thadée Ndikumana, umwe mu batanze inyigisho mu kiganiro cari cahawe abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno munsi wa gatanu, igenekerezo rya 30 Myandagaro 2013, yatanze umuco kuri ico kibazo, asigura ko atari abarwayi bose bazovurwa hakoreshejwe uwo mugambi mushasha, ariko ari iyi mice itatu gusa :

1. Abahora barwaye igituntu bakavurwa amezi atandatu , ni ukuvuga ko amezi abiri ya mbere bahora baronka imiti ku munsi ku munsi, hama amezi ane akurikira bakayinywa gatatu mu ndwi, ubu bagiye kuyinywa iminsi yose badasiba gushika ikiringo c’amezi atandatu gihere.

2. Abafise igituntu kidakira bahora bavurwa ikiringo c’amezi cumi n’abiri , mu cirwa cakozwe kuri ivyo bihugu 10 bigiye gukoreshamwo uwo mugambi mushasha, bazovurwa co kimwe amezi icenda. Abo mu Burundi, bazovurwa ayo mezi mu gihe bemeye kuguma mu Kibumbu mu ntara ya Mwaro, aho bazoshobora gukurikiranwa neza.

3. Abafise igituntu kitumva imiti , ni ukuvuga n’aho babaha imiti, ntihabe akarusho, kuribo hafashwe ingingo yo kubahinduririra uburyo bwo kubaha imiti.
Ku bana bakiri bato, naho nyene hafashwe ingingo yo kubahindurira, ni ukuvuga ko bagiye kwongerereza igipimo c’imiti y’igituntu bahora babaha.

Ku bibaza ko n’imiti y’igituntu igiye guhinduka, muganga Thadée Ndikumana yamenyesheje ko imiti izoguma ari yayindi, ariko ko ihinduye gusa uburyo yahora itangwa.

Muri rusangi, mu Burundi indwara y’igituntu iravugwa ku rugezo rushimishije n’aho hagisigaye intambwe yo kuyituza bikwiye. Muganga Thadée Ndikumana yahanuye abarwayi b’igituntu kwama biyegereza umuganga kugira abakurikiranire hafi. Ku batayirwaye nabo, bokwirinda kwegera cane abafise ibimenyetso vy’igituntu kuko ari indwara yandukira ningoga ariko igakira kare mu gihe ivuwe kare.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.