Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi wo kuvura indwara zibangamiye abana ugiye kwagurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umugambi wo kuvura indwara zibangamiye abana ugiye kwagurwa

Umugambi wo kuvura indwara zibangamiye abana ugiye kwagurwa

vendredi 11 Mukakaro 2014

Reta y’Uburundi yiteguriye kwagura umugambi wo kuvura indwara z’abana muri rusangi, kugira umugambi w’ikimpumbi w’iterambere incuro ya 4 niya 5 unyaruke gushikwako.

Chloé Ndayikunda, umwunganirizi w’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA yamenyesheje kuri uwu wa gatatu, igenekerezo rya 9 Mukakaro, ko igikorwa co kwitwararika kuvura indwara z’abana kikiri inyuma gushika ubu. Johannes Wedenig, aserukira ishirahamwe UNICEF mu Burundi, avuga ko ku bwiwe, igikorwa co kuvura indwara z’abana muri rusangi, kizotuma indwara zibangamira cane abana, nk’indwara ya marariya, iyo gucibwamwo hamwe n’indwara zo mu mahaha zigabanurwa kubw’imiti yabigenewe izoba yakoreshejwe, eka mbere n’indwara zizoba ziturutse ku gufungura nabi zikazotuzwa.

Abakora mu gisata c’amagara y’abantu bose bajejwe kuvura indwara z’abana bakaba bakwiye kwigishwa no kumenyeshwa uburyo izo ndwara z’abana zitatu (marariya, ugucibwamwo, n’iza mahaha) zifata n’ingene bozikinga.

Wedenig arongoye UNICEF mu Burundi akemeza neza ko mu gihe izo ndwara zitatu zomenyeshwa neza ingene zifata abana, zishobora kuvurwa neza, ababijejwe nabo bagakurikiranwa uburyo bazivura.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.