Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe PTD usaba Reta kugarukira inyungu z’abarwayi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umugambwe PTD usaba Reta kugarukira inyungu z’abarwayi

Umugambwe PTD usaba Reta kugarukira inyungu z’abarwayi

vendredi 21 Kigarama 2012

Iyuma yaho Sendika SYNAPA y’abaforoma n’abandi bakozi bo m’ubuvuzi bahagarikiye ibikorwa bibayabaye vyo kwakira abarway baremvye, bamwe n’abandi batera akamo Reta kwisubirako. Abo baforoma barahagaritse haraheze indwi 3, basaba ko amasezerano bagiranye na Reta mu mwaka wa 2009 yoshirwa mu ngiro na cane cane kuvyerekeye uturusho n’ugutunganya akazi bashinzwe.

Mw’itangazo umugambwe w’abakozi na demokarasi ‘’PTD- Twung’urunani’’ wahaye ibimenyeshamakuru uragaragaza akababaro ufise kubona kuva ejo hahise Reta yaratanguye kwirukana abaforoma kugira ntibasubire kuja kwicara ku bitaro batariko barakora. Ivyo bikaba vyatumwe abo baforoma bahagarika imirimo ijanye n’ibikorwa vyihuta m’ubuvuzi kwakira indembe. Ako kamaramaza ngo kakaba kibonekeje mu bitaro vy’i Muyinga, Ngozi, Buye, Bururi, Rutana, Cankuzo n’ahandi, aho abapolisi bakubise bagashwiragiza abakozi harimwo n’abariko bararangura iyo mirimo yihuta.

Paul Nkunzimana arongoye uwo mugambwe agasaba ko ivyo bikorwa vyosubizwaho mu maguru masha ku neza y’abarwayi n’abanyagihugu bose hakurikijwe amategeko agenga akazi n’amategeko agenga abakozi ba Reta. Uwo mugambwe usaba kandi Reta kurekura abanyesendika SYNAPA baboshwe, kwubahiriza amasezerano yashizweko urukumu hagati y’ayo na SYNAPA.

Irongera igasaba iyubahirizwa ry’amasezerano inimero 87 na 98 y’ishirahamwe mpuzamakungu ry’akazi OIT yerekeye ukwigenga kw’amasendika hamwe n’ibiganiro. Irangiza isaba ko Reta yotanguza ibiganiro kugira abarwayi ntibagume basinzikara.

kw’ifoto
:Paul Nkunzimana, arongoye umugambwe PTD


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.