Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwigeme w’imyaka 109 avuga ko kutabana n’abagabo vyatumye aramba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umwigeme w’imyaka 109 avuga ko kutabana n’abagabo vyatumye aramba

Umwigeme w’imyaka 109 avuga ko kutabana n’abagabo vyatumye aramba

jeudi 22 Nzero 2015

Jessie Gallen aheruka gukwiza imyaka 109 avuga ko kimwe catumye aramba cane kurusha abandi bantu ari kutabana n’abagabo.

Jessie Gallen w’imyaka 109 yabaye umugore (canke umwigeme) wa mbere afise imyaka myinshi mu gihugu ca Scotland aturukamwo. Uwo mugore yavutse mu muryango w’abana 7, abakobwa 6 n’umuhungu 1. Mu kiganiro yagize n’ikinyamakuru Dail Mail, Jessie avuga ko bimwe vyatumye aramba ari ugufungura neza hamwe no kugira imyimenyerezo y’umubiri myinshi. Mugabo ivyo ntibihagije, kuko yongera akavuga ko icatumye aramba ari cane cane kuba kure y’abagabo.

Uwo Jessie Gallen ntiyigeze yubaka urwiwe, kuko yabona ko bizana ingorane nyinshi zivuye ku bagabo, bigatuma umuntu agumana uburuhe bwo mu mutwe (Stress).

Jessie Gallen siwe gusa yatangaje ko gufungura neza bituma uramba, n’umugore afise imyaka myinshi kw’isi (imyaka 116), Misao Okawa, yavuze ko gufungura neza ari kimwe mu vyatumye abaho imyaka myinshi kw’isi, hamwe no kuruhuka bikwiye.

Ivyigwa bimaze gukorwa bimenyesha ko abagore batigeze bubaka izabo aribo babaho imyaka myinshi kurusha abagore bubatse.


Lorene Nubwabo

Messages

  • Ntituzorongorwe rero??? Muratubariza yemwe hahaah Namba ari uko hazoramba bakee.........

  • ubwo koko agize iyo myaka yose nta kana ?jye mbona atari vyiza!

  • Yanguha! None ntubona ko hari uwabayeho yubatse akaramba gusumvya (116). Naatore udusahi twiwe agende abise abandi, araciwe aragiye nk’umuyaga nayo imvura yo isiga iremba. Kandi usanga apfa kuvuga ngo ntiyabanye n’umugabo, none ntiyigeze aryamana n’umugabo? Ahubwo usanga yari afise abagabo benshi akanka kubana n’umwe, agira rero asigure umubano mubi wiwe. Eka ntakarorero atanze.

  • Rekasha ivya Bazungu ntawo bijako . Ubwo Ubona woheba kurongorwa ngo uzorambe woba urambanye iki utagira n’akana kaja kara guhindukiza. Oh

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.