Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukenyezi ahambaye kuruta abandi yaraye amenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umukenyezi ahambaye kuruta abandi yaraye amenyekanye

Umukenyezi ahambaye kuruta abandi yaraye amenyekanye

jeudi 23 Rusama 2013

Ikinyamakuru Forbes co muri Leta zunze ubumwe za Amerika caraye gishize ahabona urutonde rw’abakenyezi ijana bahambaye cane kw’isi kuruta abandi muri uyu mwaka w’2013.

Mu kibanza ca mbere haza umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi Angela Merkel, muri urwo rutonde rutangwa na Forbes rw’abakenyezi bakomeye kuruta abandi kw’isi. Uyo mupfasoni, akaba atwaye ico kibanza imyaka itatu ikurikirana.

Mu kibanza ca kabiri naho, hari Dilma Rousseff umukuru w’igihugi ca Brésil inyuma yiwe naho ni Melinda Gates, asanzwe ari umupfasoni w’umugwizatunga mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika.

Mu kibanza ca kane haza umupfasoni Michelle Obama muri urwo rukurikirane, ubu akaba ashoboye gutera intambwe zitatu aja imbere uravye mu mwaka uheze aho yagira indwi, aca akurikirwa n’umupfasoni Hillary Clinton yasubiye inyuma cane muri uyu mwaka, yatakaje ibibanza bitatu mu mwaka umwe kuva aho aviriye kuba umunyamabanga wa Leta zunnze ubumwe za Amerika.

Umupfasoni Christine Lagarde nawe asanzwe arongoye ikigega mpuzamakungu FMI, yarateye intambwe iboneka kuko ubu agira indwi uravye aho yari mu bibanza vya kure mu mwaka uheze.

Kuri urwo rutonde, uwukiri muto ni Lady Gaga afise imyaka 27, akaba agira uwa 45, nayo uwukuze cane kuri urwo rutonde ni umwamikazi Elisabeth wa 2, agira uwa 45 ku myaka ishika 87 y’amavuka.

Ikinyamakuru Forbes co muri Leta zunze ubumwe za Amerika kigira ubwoko bw’izo ntonde cisunze ubutunzi bw’amafaranga, ukumenyekana mu binyamakuru n’ibindi bikorwa baba bagaragaramwo nk’indongozi n’ibindi. ibihugu vyaserukiwe bikaba ari 26.


Floxella karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.