Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukenyezi w’umukuru w’igihugu yatanguje umugambi wo guteza imbere amagara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umukenyezi w’umukuru w’igihugu yatanguje umugambi wo guteza imbere amagara (...)

Umukenyezi w’umukuru w’igihugu yatanguje umugambi wo guteza imbere amagara y’abana

mercredi 12 Kigarama 2012

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yaratanguje umugambwi witwa « Child Health Now » wo guteza imbere amagara y’abana n’abavyeyi. Ngo uwo mugambi uzotuma abana bapfa bakivuka bagabanuka cane hamwe abanyagihugu bowijukira.

Uwo mugambi w’umukenyezi w’umukuru w’igihugu watanguriye mu ntara ya Muramvya.
"Gushika ubu igisata c’amagara y’abantu gihabwa amafaranga angana n’ibice 8,8 kw’ijana y’ayo Reta ikoresha ku mwaka. Aho ni mugihe ishirahamwe mpuzamakungu risaba ko ayo mafaranga yoshika ku bice 15 kw’ijana" ivyo vyashirijwe na Albert Siminyu, arongoye ishirahamwe mpuzamakungu World Vision.

Yamenyesheje kandi ko uwo mugambi ari mwiza kandi uzotuma amagara y’abana n’abavyeyi atera imbere. Nk’ako, agakarata ko kwivurizako’’carte d’assurance maladie’’ ntikarakwiragizwa mu Burundi. Oscar Ndayiziga, arongoye intara ya Muramvya yatangurijwemwo uwo mugambi yamenyesheje ko abanyagihugu batarenga ibice 13 kw’ijana aribo bakoresha ako gakarata.

Ishirahamwe mpuzamakungu Word Vision rivuga ko ivyo bisigurwa n’uko abanyagihugu batakazi canke naho ko imiti itangwa n’ako gakarata idashimisha abanyagihugu. Ikindi n’uko ata baganga bakwiye bari hagati mu gihugu, ngo benshi bari mu bisagara.

Emmanuel Nizigiyimana arongoye intara y’ubuvuzi mu ntara ya Muramvya yavuze ko akenyeye abaganga karuhariwe 3 n’abaforoma 54.
Ivyo biri uko mu gihe Oscar Ndayiziga aramutwa intara ya Muramvya amenyesha ko hacibonekeza imiti yataye igihe n’urudandazwa rw’ayo hamwe no kwivura abanyagihugu batarinze kuja kwa muganga. Yongeye avuga ko ibice 50 kw’ijana vy’abakenyezi bibarukira kwa muganga.

Igisata c’ubuvuzi mu ntara ya Muramvya kirimwo n’izindi ngorane zitari nkeya. Amavuriro 8 ntagira amazi meza, ayandi atanu nayo ntagira umuyagankuba. Vyumvikana ko haba abakenyezi benshi bapfa bariko baribaruka mw’ijoro, ikindi naco n’uko ibice 38 kw’ijana vy’imiryango itazi gukoresha uburyo bwo kugabanya imvyaro.

Denise Nkurunziza, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu niwe yatanguje umugambi « Child Health Now » wo guteza imbere amagara y’ibibondo n’abavyeyi. Yasavye abavyeyi bose kwonsa abana nimiburiburi gushika ku myaka ibiri, kubagaburira neza, kubavuza no kubacangagisha ku gihe.

kw’ifoto:Denise Nkurunziza, umukenyezi w’umukuru w’igihugu


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.