Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukobwa wa Whitney Houston agiye gukurwamwo ivyuma bimufasha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umukobwa wa Whitney Houston agiye gukurwamwo ivyuma bimufasha (...)

Umukobwa wa Whitney Houston agiye gukurwamwo ivyuma bimufasha guhema

mercredi 11 Ruhuhuma 2015

Uno munsi imyaka itatu irakwiye umuririmvyikazi Whitney Houston yitavye Imana mu gihe umukobwa wiwe, Bobbi Kristina Brown ari ku mpfiro.

Haheze iminsi igera kuri 12, umukobwa wa Whitney Houston ari indembe mu bitaro, abaganga barahebuje umuryango wa Bobbi ko atacizero co gukira uwo mukobwa afise mbere bambwira se wiwe, Bobby Brown ko yocomora ivyuma bituma Bobbi ahema. Nk’uko ikinyamakuru TMZ kibivuga, umuryango wa Bobbi wavuze ko bagiye gucomora Bobbi uno munsi igenekerezo 11 Ruhuhuma, kubera ari n’itarike nyina wiwe yapfiriyeko mu mwaka w’2012. Umuvyeyi wa Whitney Houston niwe yagomvye ko bigenda gutyo mu gihe abaganga bamusiguriye ko umwuzukuru wiwe atazopfa avyutse.

Nyina wa Whitney Houston, Cissy Houston na Bobbi

Mwomenya ko amasaha make aheze bavuze ivyo, umuryango wa Whitney Houston bafashe, uwuburanira umuryango wa Christopher Brown yataze ubutumwa abicishije ku kinyamakuru TMZ ko Bobbi ataza gukurwamwo ivyuma bimufasha guhema uno munsi. Umuryango wa Whitney Houston bakaba batarumvikana neza hamwe n’umuryango wa Bobby Brown ku kibazo co gucomora ivyuma bifasha guhema Bobbi kubera bamwe bavuga ibintu bitandukanye.

Whitney Houston yatowe igenekerezo 11 Ruhuhuma mu bwogero bwiwe yapfuye kw’i hoteli Beverly Hilton.

Tubibutse ivyaranze ubuzima bwa Whitney Houston.

Whitney Houston yavutse muri Reta zunzubumwe z’Amerika igenekerezo 6 Nzero 1963.Yatanguye kuririmba indirimbo zo guhimbaza Imana ku myaka 11 gusa.Nyina wiwe, Cissy Houston, yagiye agenda amwigisha kuririmba kubera nawe yari umuririmvyi. Whitney Houston ntiyari umuririmvikazi gusa yarakina n’amareresi mbere harimwo izagiye zirakundwa cane nka Waiting to Exhale, How Stella Got Her Groove Back na the Tyler Perry.

Mu nyuma yarahagaritse gato gukina amareresi asubira kuririmba. Ubwo niho yakorana n’inzu yakora umuzika w’abirabure muri Reta zunzubumwe z’Amerika mbere arasohora urukirikirane rw’indirimbo yise "My love is your love" yakunzwe cane n’abantu benshi.Whitney Houston niho yatanguye kugaragara muri muzika.

Si ivyo gusa, Whitney yararonse ubushimwe bwinshi bugera kuri 415 kubera indirimbo yakora zaryohera abantu benshi kandi zikoze neza mbere yagurishije urukurukirane rw’indirimbo ziwe zigera ku miriyoni 170. Zimwe mu rukurikirane rw’indirimbo za Whitney Houston yasohoye ni nka "My love is your love",; “Just Whitney”; “One Wish: The Holiday Album”; “I Look to You”.

Whitney Houston yarakoranye n’ibihagange mu muzika nka Celine Dion, Mariah Carey,Toni Braxton, Christina Aguilera, Jessica Simpson, Nelly Furtado, Kelly Clarkson, Britney Spears, Ciara, n’abandi.

Whitney yaranzwe n’ibikorwa vyinshi vyo gufasha abana, agaharanira ubwigenge bw’abirabura muri Reta zunze ubumwe nahandi nko muri Afrika y’Epfo aho yashigikira Nelson Mandela mu kurwanya ivanguramoko yirishingiye ku rukoba.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.