Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukobwa wa Whitney Houston yoba yazize itunga nyina wiwe yamusigiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umukobwa wa Whitney Houston yoba yazize itunga nyina wiwe yamusigiye

Umukobwa wa Whitney Houston yoba yazize itunga nyina wiwe yamusigiye

lundi 9 Ruhuhuma 2015

Mu gihe Bobbi Kristina Brown akirwariye mu bitaro, amatohoza yivyamubayeko arabandanya. Ubu uwitwa ko ari umugabo wiwe ariko arakorakwo amatohoza n’igiporisi, bikavugwa ko uwo muhungu yoba agomba itunga rya Bobbi yasigiwe na nyina wiwe.

Mu matohoza yari amaze gukorwa kw’isanganya ryashikiye umukobwa wa Whitney Houston, yatanguye kwerekana ko Bobbi yahatswe kwiyahura kubera ibiyayura mutwe batoye mu nzu yiwe, ubu ni uwitwa ko ari umugabo wiwe yikekwa n’igiporisi hamwe n’umuryango wa Bobbi.

Umuryango wa Bobbi ntibigeze bemera ko Nick Cordon na Bobbi babana kubera babona ko bavukana. Whitney Houston yarakiriye Nick Gordon mu muryango wiwe mugabo ntiyigeze amwandika nk’umwana wiwe, mbere Whitney Houston yasigiye itunga ryiwe ryose umwana wiwe umwe, Bobbi.

Nick Gordon ubu akaba acunzwe n’igipolisi kubera ivyo umugenzi wiwe bari kumwe igihe batora Bobbi, yavuze.Uwo mugenzi wa Nick Gordon akemeza ko yabonye Nick ariko arahanagura amaraso mu nzu abanamwo na Bobbi mu gihe batora Bobbi mu bwongero.Umuryango wa Bobbi ukavuga ko bishoboka ko uwo muhungu ashobora kuba afise uruhara mw’isanganya rya Bobbi kandi bikavugwa ko icoba catumye Bobbi yokora ivyo ari itungo ryasinzwe na Whitney Houston .Mukamenya ko Bobbi na Nick Gordon batari babanye neza.Ubu Nick Gordon yamaze kurondera abamuburanira.

Bobbi Kristina Brown aracakitswe n’amagara, n’ubu ntaratora akenge nubwo umuryango wiwe watanguye gutegura amaziko yiwe.Umuvyeyi wiwe, Bobby Brown aracafise icizero ko umwana wiwe azovyuka.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.