Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara y’umutima ihitana abantu bangana imiriyoni 17 buri mwaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara y’umutima ihitana abantu bangana imiriyoni 17 buri mwaka

Indwara y’umutima ihitana abantu bangana imiriyoni 17 buri mwaka

jeudi 26 Nyakanga 2013

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umutima kw’isi yose, ni akaryo ko guhimiriza abantu ku bijanye n’indwara zikunda gukaririra umutima nk’indwara z’imirindi y’amaraso, ubunini burengeje urugero, indwara z’igisukari, n’izindi kugira bashobore kuzirinda.

Mu bitigiri bitangwa n’igisata mpuzamakungu kiraba ivy’umutima, ku mwaka ku mwaka indwara z’umutima zikaba zihitana abantu barenga gato imiriyoni 17, mu gihe hariho uburyo ko abahitanwa n’izo ndwara bashobora kuzirinda amazi atarera inkombe.

Mu kugabanya, ico gitigira c’abahitanwa n’indwara z’umutima ku mwaka ku mwaka ico gisata mpuzamakungu kiraba ivy’umutima (Fédération mondiale du cœur) kikaba catanze impanuro zimwe zimwe abantu bakwiye kugenderako :

• Gufungura ibigereranye kandi bifise akamaro mu mubiri

• Kwama bakora imyimenyerezo yo kwinonoraimitsi kenshi

• Kutanywa itabi n’ibindi biyayura mutwe

• Kwirinda kurenza ibiro bategerezwa kugira

• Kwipimisha kensi kugira bamenya aho ibinure n’igisukari bigeze mu mubiri

• Kugabanywa kumywa inzoga

• Kutegera abanywa itabi kugira birinde ivyuka vyabo bifise ingarumbi ku mahaha n’umutima

• Kwirinda kuguma ataco bariko barakora

• Kugabanya gufungura kunywa ibifise isukari nyinshi n’umunyu

• Gufungura batekanye ataco bariko barihutira kugira bibatembe neza

. Kugabanya kugira imyitwarariko myinshi y’ubuzima

Mu matohoza yakozwe n’igisata mpuzamakungu kiraba ivy’umutima, cerekana ko abana aribo bahitanwa cane n’indwara z’umutima imbere yuko bashikana imyaka 65, incuro zitatu canke zitanu kurusha abandi bivuye kugufungura nabi canke kukubura ivyo bafungura ngirakamaro. Icivugo c’uno mwaka kikaba cerekeye ahani abana n’imiyabaga kuko aribo babangamiwe cane kurusha abandi, congere gishimikire cane ku ndwara zibangamiye umutima.

Ibihugu bishika 100 vyo kw’isi bikaba vyahimbaje uyu munsi mu kwifanya hamwe mu bikorwa vyubaka kugira umuntu wese amenye ko uwu munsi umwerekeye. Mw’ijambo ryiwe ryerekeye uno munsi, muganga Sania Nishtar, umukuru w’inama mpanuzwajambo mu gisata mpuzamakungu kiraba ivy’umutima, yagize ati : « Dutegerezwa gukingira abana bacu ivyo vyose bibatuma barwara umutima, mu kubigisha inyifato nziza bakwiye kugira mu bijanye no gufungura neza mbere tubarinde no gufungura ivyobatera kurwara umutima ».

Yamenyesheje kandi ko icihutirwa nyamukuru ari gutera intege abana kugire bame bagira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi kuko vyagaragaye ko ibice bibiri kuri bitatu vy’abana kw’isi batagira imyimenyerezo kugira bagumane amagara meza. Nko mu bihugu vyifise, usanga abenshi bari kumboneshkure bakaguma bicaye mbere n’abatari bake bagafunguriraho, ivyo bigaca bituma ivyo bafungura bitabatemba neza, mbere n’imitsi yabo ntihaza ngo inonoke.

Mwomenya ko uno mwaka ugize 10 bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira umutima. Ama Leta yose akaba ahamagawe, abakora mu bisata vy’amagara y’abantu, abakozi bakora mu buzi butandukanye, eka mbere n’abantu bose kwirinda kugira canke ivyotuma hasubira kwibonekeza indwara z’umutima.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.