Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunsi wahariwe kurwanya indwara ya Marariya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umunsi wahariwe kurwanya indwara ya Marariya

Umunsi wahariwe kurwanya indwara ya Marariya

jeudi 25 Ndamukiza 2013

Igenekerezo rya 25 Ndamukiza, uko umwaka utashe, Uburundi burahimbaza umunsi wahariwe kurwanya indwara ya Marariya.

Muri uno mwaka, w’ i 2013, Uburundi ntibwatanzwe gusubira guhimbaza uwo munsi wahariwe kurwanya iyo ndwara ya marariya.

Muganga Sabine Ntakarutimana, umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida yaratanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyesha makuru uwo musi ushitse mu gihe iyo ndwara ya Marariya yari imaze kugabanuka ku bice bigaragara, nk’uko ibimenyetso vyavyerekanye mu mwaka w’2012, bikavuga ko yavuye ku bice 36 biramanuka gushika ku bice 21.

Igabanuka ry’ivyo bice tukaba tubikesha ko abantu basigaye barajijutse, bakoresha imisegetera ikingira imibu hamwe n’ivurwa ry’abana batarenza imyaka itanu ku buntu.
Ariko, umuyobozi ajejwe umugambi wo kurwanya marariya, Jean Claude Nkurunziza yamenyesheje ko mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2013, iyo ndwara yameze nk’iyishaka gusubira kwimonogoza, ariko ntiyaduze cane.

Uwo muyobozi agasaba rero ubushikiranganji bubijejwe ko bwokomeza gushiraho ingingo ruhasha na cane cane mu kurwanya umwanda.

Uyu munsi ukaba ushitse kandi mu gihe hari ishirahamwe ryo ngaha mu Burundi ryatangaje ko rigiye gukora amasabuni akingira iyo ndwara ya marariya.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.