Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuntu umwe kuri batatu yoba avyibushe atabizi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umuntu umwe kuri batatu yoba avyibushe atabizi

Umuntu umwe kuri batatu yoba avyibushe atabizi

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Ivyo vyashizwe ahabona na kaminuza y’i Navarre muri espagne aho yerekana ko abantu benshi bakunda kwihenda bakoresheje amaso canke ubundi buryo mu kwemeza ko bavyibushe birenze ivyo bita OBESITE abandi nabo ko bonze. Ivyirwa vyakozwe vyerekana ko ku bantu 6000 bapimwe, basanze ibice 29% vy’abibaza ko bonze basanze bavyibushe kubera ubwinshi bw’ibinure.

Hari uburyo bwahora bukoreshwa bwitwa indice de masse corporelle aho umuntu mu kwipima yafata ibiro vyiwe akagabura n’ikireho ciwe canke uburebure bwiwe kugwizako incuro 2 akarorero( 50:1.70)².

Iyo utoye igitigiri kiri hagati ya 15 na 18.50 umuntu aba yonze hagati ya 18.50 na 25 biba ari vyiza ariko hagati ya 25 na 30 uba ufise ibiro birenze urugero bisigura ko uba uvyibushe birenze urugero.

Abahinga bavuze ko naho ubwo buryo bworoshe cane hari igihe usanga wihenze rero uburyo burashe umuntu adashobora kwihenda ni gupima ibinure iyo utoye ibice 20% ku mugabo na 30 % ku mugore biba ari vyiza iyo bibaye hagati ya 20 na 25 ku mugabo no hagati ya 30 na 40 ku mugore aba arengeje ibiro, iyo umugabo arenza 25 umugore nawe akarenza 35 aba avyibushe birenze urugero.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.