Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuntu yomenya gute ko ubuvyibuhe n’ibiro afise bitarenze urugero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umuntu yomenya gute ko ubuvyibuhe n’ibiro afise bitarenze urugero

Umuntu yomenya gute ko ubuvyibuhe n’ibiro afise bitarenze urugero

lundi 24 Ntwarante 2014

Kuri bamwe kuvyibuha ni icipfuzo, ku bandi naho ni ingorane. Hari abavyibuha kuko baba bavyirondereye n’abavyibuha kuva mu buto bwabo gushika bakure.
Ubuvyibuhe, ntibubonwa kumwe mu mibereho y’ibihugu vyose vyo kw’isi. Nk’akarorero mu bihugu vya buraya, umuntu avyibushe, yaba ku mugabo canke ku mugore, afatwa nk’umuntu atakindi ashoboye atari ugufungura gusa. Ku bagore canke ku bigeme hoho bavyibushe, bavuga ko badashobora gukundwa n’abagabo babo uko bavyipfuza.

Naho biri uko mu bihugu vya buraya, ku mugabane wa Afrika siko biri, kuko ubuvyibuhe babufata nk’umugisha canke umusesekara w’ivyo umuntu aba abayemwo. Nko mu bihugu vy’amaja mu burengero bwa Afrika, umugore canke umwigeme avyibushe afatwa nk’ikirezi c’umuryango, akunzwe kandi bigaragara ko ashobora no kunezereza umunega wiwe mu rugo.

Muti none iciza coba ari ikihe hagati yokugira umubire wonze no kuvyibuha? Mu gisata c’ubuvuzi, bavuga ko ubuvyibuhe atari bubi ubwabwo, ariko kuvyibuha birenze arivyo bishobora kugira intambamyi ku magara y’abantu. Abahinga bagize ubushikashatsi mu bijanye n’ukuvyibuha bakavuga ko imbere yo kuraba ico imico ivuga ku bicanye n’ubuvyibuhe, abantu bakwiye kuraba ico igisata c’ubuvuzi kibivugako kugira bakingire ubuzima bwabo. Bati : "Hagushira imbere gushimwa uriko wica amagara, wotuma ukiza ubwa mbere amagara, ugashimwa mu nyuma ufise amagara meza".

Ku bijanye no kumenya ukungene umuntu yomenya ubuvyibuhe n’ibiro atategerezwa kurenza, hari ibipimo mpuzamakungu vyashinzwe mu gisata c’ubuvuzi kugira umuntu wese amenye ibinure n’ibiro atategerezwa kurenza muriwe. Ivyo bipimo navyo vyiswe, IMC (Indice de Masse Corporelle).
Kugira rero umuntu ashobore kumenya ubunini afise, afata ibiro apima akabigabura n’uburebure afise burwijijwe incuro zibiri. Akarorero, umuntu afise nk’ibiro 53 akagira n’uburebure bungana na centimetero 1,52, ni ukuvuga ko aca afata ivyo biro 53 kugabura n’ubwo burebure 1,52 burwijwe incuro zibiri. Aha, inyishu yatowe ikaba ingana na 22,93. Mu biharuro biharurwa 53: (1,52 ᵪ 1,52) = 22,93

Abahinga bashinze ico gipimo co kwipimira ubuvyibuhe (IMC : Indice de Masse Corporelle), bakavuga ko inyishu ivuye mu biharuro umuntu aba yihariruriye mu gupima ubuvyibuhe afise, bidategerezwa kurenza IMC 25. Atari uko, aca aja mu murwi w’abafise ubuvyibuhe burengeje.

Ehe ng’uku uko mushobora kuvyirabira :

IMC (Indice de Masse Corporelle) iri munsi ya 16,5 ngaha bavuga ko umuntu aba afise ibiro n’ubuvyibuhe bidakwije amategeko.

IMC (Indice de Masse Corporelle) iri hagati ya 16,5 na 18,5 umuntu aba aharurwa mubonze.

IMC iri hagati ya 18,5 na 25 aha umuntu aba afise ibiro n’ubuvyibuhe bikwije amategeko.

IMC iri hagati ya 25 na 30 aha bavuga ko umuntu aba atanguye kurenza urugero rw’ubuvyibuhe yategerezwa kugira.

IMC iri hagati ya 30 na 35 aha umuntu aba yarengeje ubuvyibuhe n’ibiro bisabwa.

Uwufise IMC irenza 40, aba ari mu bantu bafise ubuvyihe bwarenze urugero.

Bahanura abantu bose kwama bashira imbere amagara yabo imbere yo kuraba izindi nyungu z’akanya gato. Ikindi naco, bahanura ko inyuma yo kugira ivyo bipimo, umuntu wese yoza aririnda gupfa ivyo afunguye, maze akaza arafungura ku rugero.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.