Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Drake yarakubiswe arashaya none yaraye mu bitaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umuririmvyi Drake yarakubiswe arashaya none yaraye mu bitaro

Umuririmvyi Drake yarakubiswe arashaya none yaraye mu bitaro

mardi 9 Kigarama 2014

Umuririmvyi Drake yaraye mu bitaro kubera ingumu yakubiswe n’umuririmvyi mugenziwe P.Diddy. Inzigo y’akazikira yoba yatumye abo bagabo bompi batana mu mitwe.

JPEG - 62.6 ko
i bubamfu Drake, i buryo P.Diddy

Mw’ijoro ry’uwo wa mbere igenekerezo rya 08 Kigarama, bugingo Drake yari mu birori vy’isabukuru y’amavuka y’umuhinyanyuzi DJ Khaled, yahuye na P.Diddy batangura gutera amajambo mabi.

Amakuru dusoma mu kinyamakuru public.fr, avuga ko inyendamuvano ya ndyogo yatanguye P.Diddy. Uwo yoba yabwiye Drake ko indirimbo ariko asubiramwo ata ruhusha abifitiye, yamwagirije kandi ko yabafashe amajwi n’amasanamu mw’ibanga igihe bari mu giteramo ca NBA All-Star, ayandi makuru avuga ko Drake yigeze kwifatira mu gahanga umuririmvyikazi Cassie ari kumwe na P.Diddy. Ahejeje kumwagiriza ivyo vyose, P.Diddy yabwiye Drake ati:" Ntiwigeze unyubaha!", aca amukubita ingumu yatumye Drake arara mu bitaro. Gushika ubu ntawuzi uko amagara yiwe yifashe, vyagumye ari ibanga.

JPEG - 66 ko
P.Diddy na Cassie yatumye Drake arara mu bitaro

Si ubwa mbere Drake akubitwa kuko yaheruka kurwana na Chris Brown amwagiriza ko yasambanye na Karrueche Tran bahoze bakundana. Aho hose Chris Brown yamuhora ubusa kuko umugenzi wa Drake yahavuye amukurako icaha avuga ko ico gihe Drake yari amaze amezi ane mu gasho.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.