Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda: Umuririmvyi Kizito Mihigo yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Rwanda: Umuririmvyi Kizito Mihigo yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe (...)

Rwanda: Umuririmvyi Kizito Mihigo yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose

mardi 30 Kigarama 2014

Umuririmvyi wo mu gihugu c’ Urwanda, Kizito Mihigo yaciriwe umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe. Yagirizwa icaha co guhungabanya umutekano no gukorana n’imirwi y’iterabwoba yaho mu Rwanda mu kurwanya ubutegetsi.

JPEG - 43.6 ko
Kizito yemanga imbere y’abamenyeshamakuru icaha yagirizwa

Ubutungane bwo mu gihugu c’Urwanda bwaciriye igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose umuririmvyi Kizito Mihigo. Uwo muririmvyi yagirizwa guhungabanya umutekano no gukorana n’imirwi ya FDLR na RNC mukurwanya ubutegetsi bw’i Kigali.

Mwomenyako Kizito Mihigo yafashwe hamwe n’umusirikare Jean Paul Dukezumuremyi na Cassien Ntamuhanga arongoye insamirizi ’’Amazing Grace’’. Abo bagabo batatu bafashwe n’abajejwe umutekano kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2014, bukeye kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2014, abo bafashwe baremeye icaha bagirizwa imbere y’abajejwe umutekano n’abamenyeshamakuru.

Kizito Mihigo azwi mu ndirimbo nka "Ni wewe ndangamiye Nyagasani", yumvirize aha munsi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.