Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyikazi Lio aranegura abaririmvyikazi bifata nk’abamaraya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umuririmvyikazi Lio aranegura abaririmvyikazi bifata nk’abamaraya

Umuririmvyikazi Lio aranegura abaririmvyikazi bifata nk’abamaraya

vendredi 3 Gitugutu 2014

Abaririmvyikazi nka Beyonce, Britney Spears na Rihanna baratungwa agatoki na mugenzi wa azwi kw’izina rya Lio. Aragaya cane inyifato yo gutamba bari gusa akabagereranya n’abamaraya.

JPEG - 73.8 ko
umuririmvyikazi Lio

Umuririmvyikazi Vanda Maria Ribeiro Furtado Tavares azwi kw’izina rya Lio ariko aratanga insiguro y’ururirimbo rwiwe "Poupee pop", yavuze ko yariko agereranya igi "poupee"n’abaririmvyikazi ba kino gihe. Ati:" ndiko ndababazwa cane n’inyifato y’abaririmvyikazi ba kino gihe, nkibaza akarorero abakobwa bacu bariko babakurako".

Lio ati:" Mvuga abaririmvyi batari bake, nk’iyo ndavye isanamu y’ururirimbo "Work Bitch" rwa Britney Spears ndumva ntuntuye umutima. N’ukuri arambabaza umutima, kandi ndizera ko nawenyene ataryoherwa n’uko ameze, ndamugereranya n’umumaraya".

Uwo muririmvyikazi ava mu gihugu ca Portugal aravuga abandi nka Beyonce na Rihanna bakunze kwiyerekana bari gusa.

Raba aha munsi isanamu y’ururirimbo "Work Bitch" rwa Britney Spears rurabwa ribi na Lio


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.