Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurisho w’ingoma uhimbaza Imana mu giteramo co mu Rwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Umurisho w’ingoma uhimbaza Imana mu giteramo co mu Rwanda

Umurisho w’ingoma uhimbaza Imana mu giteramo co mu Rwanda

jeudi 5 Kigarama 2013

Abaririmvyi bo mu Rwanda bagize umurwi”Singiza Music Ministries” barateguye igiteramo kizomara iminsi itatu, muri ico giteramo haratumiwe umurwi w’urwaruka rw’Abarundi” Himbaza Drummers Team” bavuza umurisho w’ingoma mu kuririmba indirimbo mpimbazamana.

Ico giteramo kizotangura kuri uwo wa gatanu, igenekerezo rya 06 Kigarama kirangire ku w’Imana igenekerezo rya 8 Kigarama. Abo batimbo bazofata urugendo bagana igihugu kibanyi c’Urwanda kuri uwo wa gatanu. Mu nzu y’ibiteramo “Christian Life Assembly “iri i Nyarutaramu, mu mu gisagara ca Kigali, igihe c’isaha icumi z’umugoroba (16h 00), niho indirimbo nka “Ati uwera uwera Umwami nyen’Ingabo”, isubirwamwo n’umurwi “Himbaza Drummers Team”, uzokubita umurisho w’ingoma baririmba, bahimbaza bongera batazira Imana, bari kumwe n’abagize umurwi : Singiza Music Ministries”, wateguye ico giteramo. Nta mahera yo kwinjira azotangishwa uwukeneye kwinjira kuratira ijisho.

Himbaza Drummers Team si ubwa mbere uzoba ugiye kuvuza umurisho muri ico gihugu, kuko hari igiteramo bama batumirwamwo uko umwaka utashe, kuva mu mwaka w’i 2005, cataziriwe” Afrika Haguruka”. Uno mwaka bacitavye mu kwezi kwa Gitugutu, ivyo bimenyeshwa na Achille Mugwiza, icegera c’uwurongoye umurwi. Abarundi bati:”agafuni kabagara ubumwe ni akarenge”, kuko abagize umurwi “Singiza Music Ministries” baheruka kugirisha igiteramo mu Burundi, hari kw’igenekerezo rya 03 Munyonyo 2013, mu nzu y’ibiteramo” Christian Life Ministries (CLM)” mu mpfunyapfunyo y’igifaransa.

Umurwi "Himbaza Drummer Team" wavutse mu mwaka w’2005, ugizwe n’imisore 15. Ugitangura gukora wafashwa n’umurwi "Jeunesse pour Christ. Mu mwaka w’2008 niho waronka zina ryawo. Uwo n’umurwi w’abatimbo "Himbaza Drummers Team" ukorera mu kigo ndangamico kiri mu Ngagara” Espace culturel de Ngagara”, ukaba ugizwe n’urwaruka, imisore 40 n’abigeme 30. Abo bihaye intumbero yo gukorana n’amashengero mu kuninahaza Imana bakoresheje umurisho w’ingoma, n’ibindi bicurarangisho ndangakaranga. Mu butumwa bwabo, batera akamo gukundisha urwaruka rw’Uburundi Imana n’akaranga.

umviriza ururirimbo "Tukumenye" ry’umurwi Singiza Music Ministries


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.