Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuriyaridi urenga w’amatoni w’ibifungurwa urasesagurwa ku mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umuriyaridi urenga w’amatoni w’ibifungurwa urasesagurwa ku mwaka (...)

Umuriyaridi urenga w’amatoni w’ibifungurwa urasesagurwa ku mwaka kw’isi

jeudi 12 Nyakanga 2013

Mu matohoza yakozwe na FAO, igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho ivy’uburimyi n’ifungurwa, ica gatatu c’ibifungurwa bihingurwa kw’isi kirasesagurwa ku mwaka ku mwaka, ni ukuvuga ko ku mwaka hasesagurwa imfungurwa zingana umuriyaridi umwe n’imiriyoni 300 z’amatoni, biciye amafaranga imiriyaridi 750 y’ama dorare y’abanyamerika.

Ishirahamwe FAO rivuga ko hafi ibice 30 kw’ijana vy’aharimwa ibifungura, bigira ubusa kuko mu nyuma yo kubihingura bica bisesagurwa. Ivyo bikaba bifise ingaruka mbi cane ku butunzi no ku bidukikije.

Kubwa Mathilde Iweins, umuhinga muri FAO, « vyari bikwiye ko bibuka ko mu mwaka w’2007, ibice 28 kw’ijana vy’isi ndimwa yagera ku mahegitari angana umuriyaridi umwe n’imiriyoni zine warimweko ibufungurwa bitigeze bifungurwa. Ati : "Yaba yari igihugu, cobaye igihugu ca kabiri mu bunini kw’isi ».

Mathilde yabandanije avuga ivyo bifise ingaruka mbi ku bidukikije kandi ko izo mfungurwa zitafunguwe zitwara amazi yoba angana n’uruzi rwa Volga rwo mu Burusiya rwoba rungana n’ikiyaga c’i Geneve mu Buswise. Iryo sesagurwa ry’ibifungurwa riba ku mwaka ku mwaka, riba mu gihe abantu bagera ku miriyoni 870 bicwa n’inzara ku munsi ku munsi.

Ivyo bifungurwa biba bitafunguwe bisesagurwa biri muvyonona ibidukikije kuko bica bizana ivyuka bibi. Bikaba ari vyo vya mbere vyonona urusenga rw’isi, inyuma y’Ubushinwa na Leta zunze ubumwe za Amerika.

Ibice 54 kw’ijana vy’ibifungurwa bisesagurwa biri ku rwego rwo hejuru, ni ukuvuga ko bisesagurwa biriko birahingurwa, bagire babigurishe canke bagire babibike.
Iryo sesagurwa ry’ibifungurwa rikaba riba mu bihugu biri mu nzira y’amajambere, igihe bariko barabihingura. Nayo ibihugu bibayabaye hamwe n’ivyifise, isasegurwa riba iyo bariko barabigurisha haba ku badandaza haba ku bagire babifungure.

Mathilde Iweins ati : « Turavye ibitigiri vy’imfungurwa zisesagurwa ku mwaka ku mwaka, birateye agahinda mu gihe abagera ku miriyoni 870 bicwa n’inzara kw’isi ».


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.