Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuriyoni 1,8 w’amadorari watanzwe mu gisata c’irondoka rijanye n’amagara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umuriyoni 1,8 w’amadorari watanzwe mu gisata c’irondoka rijanye n’amagara (...)

Umuriyoni 1,8 w’amadorari watanzwe mu gisata c’irondoka rijanye n’amagara meza

mercredi 13 Munyonyo 2013

Ibihugu vya Pays-Bas vyatanze imfashanyo y’amafaranga agera ku muriyoni n’ibihumbi amajana umunani ku Burundi bibicishije mw’ishirahamwe FNUAP (Fond des nations unies pour la population).

Iyo mfashanyo yatanzwe kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 11 Munyonyo 2013 n’igihugu ca Pays Bas ikaba ije gufasha mu kugura ibikoresho vyo kwikingira imbanyi umukenyezi yosama atavyipfuje. Aho twovuga nk’utunyuzi bacisha mu gitereko, mu mugambi w’igihugu w’irondoka rijanye n’amagara meza, PNSR (Programme National de Sante de la Reproduction)

Mu gihe ayo masezeraro yo gutanga iyo mfashanyo yariko araba hagati y’ubushikaranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA n’igihugu ca Pays-Bas, Sabine Ntakarutimana yamenyesheje ko iyo mfashanyo igiye gufasha mu kuzanira inyishu ibibazo bitari bike vyarangwa mu gisata c’irondoka rijanye n’amagara meza ahanini, hamwe no kurondera uburyo bwizigiwe kandi buramba bwo gushobora gutandukanya imvyaro.

Umushikiranganji Sabina Ntakarutimana yamenyesheje kandi ko hagiye kuba inyigisho kuri abo bose bazoronswa imiti yo kwikingira mw’irondoka rijanye n’amagara meza hamwe no kubazoba bajejwe gukurikirana neza ingene ibikorwa vyo gutanga iyo miti bizoba biriko biragenda. Avuga kandi ko ico gikorwa kitazoba coroshe kuko hakenewe uburyo butari buke kugira intumbero bafise ishikweko.

Twobibutsa ko ibihugu vya Pays-Bas vyari vyaratanze imiriyoni 4,5 z’amafaranga y’amanyaburaya kw’ishirahamwe mpuzamakungu PSI (Population Services International) ku mugambi w’imyaka itatu kugira ufashe mu bikorwa bijanye no gutandukanya imvyaro biciye mw’ikoreshwa ry’udukingirizo, ry’inshinge, ry’utunyuzi, ry’ibinini vyo kunywa, n’ubundi buryo bakoresha bacishije mu bihimba vy’irondoka. Ni igikorwa citezwe kuzoshika ku ntumbero ishimishije hamwe no kuronka ibikoresho bikwiye mu gutandukanya imvyaro kibifashijwemwo n’ibindi bisata vyigenga.

Mwomenya ko Uburundi bugeze ku gitigiri kiri hejuru ku bijanye n’irwirirana ry’abantu, ubu umukenyezi umwe akaba aharurwako igitigiri c’abana bagera kuri 6


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.