Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi w’imvyino z’ikirundi “Yagamahoro” wiyemeje kuyasasagaza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Umurwi w’imvyino z’ikirundi “Yagamahoro” wiyemeje kuyasasagaza (...)

Umurwi w’imvyino z’ikirundi “Yagamahoro” wiyemeje kuyasasagaza hose

mardi 7 Rusama 2013

Umurwi w’imvyino z’ikirundi “Yagamahoro” ni ihuriro ry’urwaruka rwagiye hamwe mu ntumbero yo gutanguza umurwi w’imvyino z’ikirundi kugirango bakomeze gusasagaza amahoro na cane cane mu rwaruka, vyongere kandi bibahuze bategure kazoza k’igihugu kuko urwaruka arirwo Burundi bw’ejo.

Uwo murwi ukaba ukorera mu ntara ya Gitega kuko abenshi mu bagize uyu murwi ari abaho muri iyo ntara, ukaba ugizwe n’urwaruka rw’abahungu 30 n’abakobwa 20 bose hamwe bakaba mirongo itanu.

Nk’uko twabibwiwe n’umurongozi w’uyu murwi umwigeme yitwa Iradukunda Katia, avuga ko ikibatera kubona ko intumbero yabo yo gusasagaza amahoro bazoyishikako, n’uko abenshi muri bo bakiri abana batoyi bo mumashure mato mato n’ayisumbuye yisumbuye, ivyo rero bikerekana ko nibahabwa umuco mwiza nabo bazowigisha abandi babicishije muri izo mvyino z’ikirundi.

Ivyo bakora ni ugutamba mu birori bitandukanye nk’imanza, ibiteramo, n’ibindi bikorwa mu gutamba harimwo n’abavyinnyi. Intore z’abahungu, abaririmvyi kuko banifitiye indirimbo zabo zo gutamba bakaba ubu bafise intumbero yo gutangura kuzijana mu buhinyanyuro mu minsi ya vuba.

Ubu uwo murwi ukaba ufise intumbero yo gusasagaza amahoro bahereye aho mu ntara yabo bakagera no mu zindi ntara zose z’igihugu, bakagenda muri Afrika y’ubuseruko bakanagera mu mahanga ya kure.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.