Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chris Brown yiyamirijwe n’umuryango w’umukunzi wiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Chris Brown yiyamirijwe n’umuryango w’umukunzi wiwe

Chris Brown yiyamirijwe n’umuryango w’umukunzi wiwe

lundi 5 Nzero 2015

Umuryango wa Karrueche Tran,asanzwe ari umukunzi wa Chris Brown baranka uwo muririmvyi bagasaba umukobwa wabo guhagarika imigenderanire na Chris Brown

Abavyeyi ba Karrueche Tran barabajwe n’imigenderanire umukobwa wabo afise n’umuririmvyi Chris Brown. Bakaba batamwemera no mu muryango wabo kubera ingeso mbi za Chris Brown . Uwo mukobwa akaba yabuze ico afata n’ico areka kubera abavyeyi biwe baguma bamumbwira ngo namuhebe nawe atagomba kumuheba.

Karrueche Tran

Nk’uko ikinyamakuru Hollywood Life kibivuga, Karrueche ntagomba guheba Chris Brown naho ivyo abavyeyi biwe bavuga ko Chris brown amufata nabi, na cane cane ibitutsi chris brown yagiye aravuga kuri Karrueche mu biteramo, ari ivyo. Karrueche akongera avuga ko yumva igituma umuryango wiwe utamukunda ko bamushakira uwundi mugabo azomufata neza, mugabo ko bidashoboka ko aheba Chris Brown naho yubaha umuryango wiwe. Ahubwo kuri Karrueche avuga ko afise icizere ko umuryango wiwe uzohava ukakira Chris Brown. Ku ruhande rwa Chris Brown n’agacerere kandi ntaco ariko arakora kugira umuryango w’umukunzi wiwe umukunde.

Tubibutse ko Chris Brown yaheruka kumwagiriza Karrueche ko yagendanye n’umuririmvyi Drake igihe yari mwibohero, akabivugira mu giteramo ciwe. Si ivyo gusa, Chris Brown yarongeye aramutuka Karrueche muri ico giteramo. Mugabo Karrueche yagumye yihanganira ibintu vyose bibi Chris Brown yamugirira.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.