Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe indwara zo mu mutwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe indwara zo mu mutwe

Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe indwara zo mu mutwe

vendredi 18 Gitugutu 2013

Umunsi mpuzamakungu wahariwe indwara zo mu mutwe uhimbazwa kw’isi yose. Mu Burundi, Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida bukaba bwawuhimbaje ku civugo kivuga giti: ”Menyereza canke menyera ibijanye n,indwara zo mu mutwe mu kazi ka misi yose”

Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi vyabereye mu ngoro y’ama nama iri mu kigo cigisha ivy’ubuganga( INSP) ryo mu Buyenzi. Ivyo birori vyari vyitabwe n’abanyecubahiro batari bake harimwo uwuserukira OMS mu Burundi, n’abandi banyacubahiro batari bake. Uwuserukira OMS mu Burundi ari nawe yuguruye ibikorwa vy’uyu munsi wa gatanu igenekerezo rya 18 Gitugutu, akaba yasavye ko abantu bose bokwitwararika abafise indwara zo mu mutwe, bakareka kubarya umutima, kuko amakosa bakora, biba vyavanye n’ingorane bafise mu mutwe. Ndetse iryo jambo rikaba ryashimangiwe n’abaserukiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Inyuma y’ayo majambo, hakwirikiye ibiganiro vyateguwe n’abahinga ku bijannye n’ indwara zo mu mutwe mu Burundi. Mu bibazo vyabajijwe hagiye hagaruka igituma abarwayi bo mu mutwe bapfungwa kandi vyumvikana neza ko n’amakosa bayakora batayazi. Kuri ico kibazo umwe mu bateguye ikiganiro yamenyesheje ko bagiye kukivugana n’ubushikiranganji bw’ubutungane.

Mu kiganiro uwuserukira ikigo c’abarwayi bo mu mutwe co mu Kamenge yatanze, yamesheje ico kigo gifise ingorane zitari nke na cane ko ari kimwe mu Burundi kigaheza kikakira abantu benshi na rirya abanyagihug bari mu bukene ntangere, n’abo bavura barakira bakabura amahera yo kuriha, bagaca baguma muri ico kigo kuko naco kitoshobora kubarihira ayo mahera. Aho rero ngo uruhombo ruba runini kuri ico kigo, kuri abo baba bahapfungiwe kuko bashobora no gusubira kurwara, ku miryango yabo, eka no ku gihugu cose. Amenyesha amahera ubushikiranganji buha ico kigo ko ari make cane, ari naho atera akamo Leta n’abafasha igihugu Kubitaho gusumba.

Tukaba twobamenyesha ko hatanzwe n’impapuro zemeza ko hari bamwe bakurikiranye inyigisho z’impapuro kubakwirikiranye inyigisho zatangiwe mu kigo gikwirikirana kikongera kikavura indwara zo mu mutwe co mu Kamenge.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.