Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umusururu woba ufise akamaro akahe ku magara y’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umusururu woba ufise akamaro akahe ku magara y’abantu

Umusururu woba ufise akamaro akahe ku magara y’abantu

mardi 21 Nzero 2014

Inyuma y’aho bibonekeye ko mu Burundi abantu batari bake, na cane cane abana bakiri bato bageramiwe no gufungura nabi, amashirahamwe atari make yaciye ahagurukira rimwe kugira arwanye ukwo gufungura nabi. Muvyashitsweko kugira bahagurukire ico kibazo, akaba ari ukwongerereza akanovera k’ibifungurwa bifungurwa cane kurusha ibindi.

Ishirahamwe SLEM, ni rimwe mu mashirahamwe yaje guterera agacumu k’ubumwe mu kugarukira ikibazo kijanye no gufungura nabi biciye mu kwongerereza akanovera muri bimwe mu bifungurwa, bikundwa mu Burundi.
Mu kiganiro uworongoye ishirahamwe SLEM yahaye ikinyamakuru IGIHE, Léon Shadrack Nsengiyumva yamenyesheje ko mw’ishirahamwe arongoye bashimye kwibanda mu kwongerereza akanovera mu musururu kuko mu matohoza ryakoze ryasanze imisururu ari ikinyobwa kinyobwa n’abatari bake mu Burundi. Akenshi iyo misururu bakayinywa idakwije utunovera twose dusabwa.

Nk’uko Shaddrak abandanya avyigana, umusururu ni imfungurwa itegurwa biciye mw’ifu isyeye baba bakoroze mu mazi ashushe bigaheza bigacika umusururu wo kunywa. Mu Burundi, umusururu ukaba usanzwe ukorwa mu mafu asyeye atandukanye, twovuga mw’ifu y’ibigori, y’imyumbati, y’uburo, y’amasaka, y’ifarini, y’ingano, y’isoya, n’ibindi.
Mukwongereza akanovera umusururu, mw’ishirahamwe SLEM bakaba bafashe inzira yo kuvanga ifu y’ingano, ifu y’isoya hamwe n’ifu itamenyerewe gukorwamwo umusururu ya Sesame.
Mukugira ico ciyumviro, ishirahamwe SLEM ryisunze ubwoko bw’imfungurwa umuntu wese yategerezwa gufungura adasimvye, aribwo (ntanganguvu, ndemamubiri na nsanganyangaburo). Ifu y’ingano bakaba basanze irwiriyemwo ivyunyunyu "amidon"dusanga mu bwoko bwa ntanganguvu, ifu y’isoya irwiriyemwo ivyunyunyu "hydrate de carbone", hakaba n’iyo sesame ikungahaye (riche) mu vyunyunyu "calicium", hamwe no muma vitamine B1, B2,.., C na E dusanga muri nsanganyangaburo.

Uwo musururu bise "SLEM", aho utandukaniye n’uyindi imenyerewe, akaba ari uko iyo umuntu awunyoye ahungukira uturusho tutari duke na cane kubafise ingorane y’imitsi yo mu maguru ibarya (crampe), kubakarirwa n’ibizunguzungu canke ku bana bacuwe kare kw’ibere.
Mado, ni umwe mubamaze kunywa uwo musururu SLEM, avuga ko wamuzaniye uturusho tutari duke muriwe, na cane cane ko uwo musururu ufise utunovera tutari duke tutaboneka mu misururu imenyerewe.

Ishirahamwe SLEM rikaba ryamagariye abantu kwama bafungura imfungurwa zirimwo utunovera kugira barwanye indwara zivuye ku gufungura nabi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.