Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuti utagira ingaruka mbi uvura imibabaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umuti utagira ingaruka mbi uvura imibabaro

Umuti utagira ingaruka mbi uvura imibabaro

mercredi 4 Nyakanga 2013

Mwari muzi ko mu bigize umubiri harimwo umuti ushobora kuvura imibabaro ishikira umuntu? Uwo muti nawo ni “endorphine”. Ni uduhimba dukorwa n’ubwonko, dufise ububasha bwo kugabanya imibabaro y’umubiri.

Mu vyirwa vyakozwe n’abashakashatsi bo kuri kaminuza ya Oxford, barerekana uburyo busanzwe bushobora gutuma izo endorphine zongerekana mu mubiri kugira imibabaro y’umubiri igabanuke. Aho ni nko : kwama utwenga, na cane cane gutwengera mu kirwi c’abantu.

Gutwenga ni igikorwa gituma n’imitsi inonoka. Akenshi turakunze kwibaza ko ugutwenga ari ikigumbagumba kiza gitangurira mu bwonko no ku maso, kigaca cerekanwa no kumwenyura ku munwa. Ku bisanzwe, agatwengo gatanguzwa n’ikigumbagumba gikomeye kiri mu mutsi munini uri hagati y’inda n’igikiriza. Ico kigumbagumba kigabanya amahaha, kikagaca gituma haba impwemu zidasanzwe zisohotse ziva muri ayo mahaha.

Izo mwempu ziba zivuye mu gikiriza, zituma haba ugutitimira, hamwe n’umuntu adashobora gusuzuma ugutitimira kw’udutsi dusohora amajwi. Akarorero, iyo umuntu atwenze, uwuri hafi yiwe yumva amajwi asohoka ningoga nka « ha.. ! ha.. ! ha.. ! Ha.. ! » Umuntu abandanije cane atwenga, hari n’igihe abira icuya nk’umuntu yinonoye imitsi kubera imitsi yiwe iba yakoze cane.

Iyo rero umuntu yatwenze cane, imitsi yiwe iramera nk’iyibabaye kuko iba yakoze cane, ariko inkurikizi ziba mu nyuma n’uko uwo yatwenze aca yumva anezerewe bitewe n’igikorwa ama endorphine akora. Ubushakashatsi bwerekana ko ugutwenga arikwo gutuma haba umunezero kurusha ikiba catumye umuntu atwenga. Ikindi naco, iyo umuntu yari afise umubabaro ku gihimba kanaka canke mu mubiri, inyuma yo gutwenga, imibabaro iragabanuka. Vyerekanywe mu cirwa cakozwe muri kaminuza ya Oxford, mu gisata c’ubuvuzi. Eka mbere, ama endorphine (aritwo duhimba dukorwa n’ubwonko, dufise ububasha bwo kugabanya imibabaro y’umubiri). Ama endorphine atuma umuntu yumva afise amahoro kandi atekaniwe.

Mu vyigwa vyakozwe kuri iyo kaminuza nyene, barerekana ko gutwengera mu kirwi c’abantu benshi bifise akamaro kanini cane ku magara y’amagara y’abantu, kuko iyo umuntu atwenze agira umunezero udasanzwe mbere bivugwa ko ari n’umunezero urenze, kuko aba yatwenze yirekuye.

Muganga Dunbar, wo muri Leta nzunze ubumwe za Amerika, mu cirwa yakoze ari kumwe n’uwundi murwi w’abahinga bo kuri kaminuza ya Oxford, berekanye ko umuntu akoreye igikorwa hamwe n’abandi, ari nko kwinonora imitsi, kunezerwa ari kumwe n’abandi, bizana umunezero udasanzwe gusumba iyo ari wenyene. Ivyo bikerekana ko haba habaye ama endorphine menshi kuko aba yaduze ku rugezo rwo hejuru iyo bari mu kigwi.

Muganga Dunbar yabandanije avuga ko, iyo umuntu yigirishije mu gutwenga, ako gatwengo ntikaduza ama endorphine agabanya ububabare bwo mu mubiri.
Igihe cose umuntu atwenze, aba akijije ibitari bike muri we. Nko ku bantu bobo bama buzuranye amaganya n’imibibaro, vyobafasha mu kubagarukanira umwizero n’umunezero. Vyiza rero abantu boza baretwenga birekuye, bakagaragaza umunezero uri muribo kugira bibaruhure.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.