Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwana w’amezi 10 gusa afise ibiro 20 kandi biguma vyiyongera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umwana w’amezi 10 gusa afise ibiro 20 kandi biguma vyiyongera

Umwana w’amezi 10 gusa afise ibiro 20 kandi biguma vyiyongera

vendredi 16 Nzero 2015

Umwana w’amezi cumi gusa afise ibiro 20 arateye umutima uhagaze abavyeyi biwe kubera ukuntu umwana wabo aguma avyibuha birenze.

Juanita Hernandez, ni umwana w’amezi 10, avuka mu gihugu ca Colombia, afise ubunini burenze ubwo abana bangana gutyo bategerezwa kugira kandi biguma vyiyongera uko agenda akura. Uwo mwana yavutse afise ibiro bisanzwe (2,7kg) mugabo uko yagenda arakura ibiro vyiwe vyagiye biduga cane gushika ubu afise ibiro 20 kandi umwana angana gutyo yategerezwa kugira ibiro biri hagati ya 8 (8kg) na 10 (10kg) bibaye vyinshi. Abaganga bakurikirana Juanita bavuga ko ata gikozwe kuri uwo mwana mu myaka ibiri uwo mwana ashobora kugira indwara z’igisukari (Diabetes) canke agire ingorane zo guhema nabi (ennuies respiratoires), n’ingorane zo mu ngingo (Problemes aux articulations), kandi ko icizere c’imyaka yo kubaho c’urwo ruhinja gishobora kugabanuka. Abo baganga bakemeza ko uburyo uwo mwana avyibushe atari ibisanzwe.

Umuganga yitwa Fry yavuze mu kinyamakuru Daily Mail ko ikintu gituma abana bakiri bato cane bavyibuha ari indwara yitwa Prada-Will ituma abana baguma bumva bashonje canke baguma banywa umwanya wose, ivyo bigatera kuvyibuha cane.

Ubu abashakashatsi bariko barasuzuma Juanita barabe igituma uwo mwana aguma avyibuha birenze urugero no kuraba ko boshobora kumuvura.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.