Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwigeme w’imyaka 15 yibarutse umwana w’amaguru ane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umwigeme w’imyaka 15 yibarutse umwana w’amaguru ane

Umwigeme w’imyaka 15 yibarutse umwana w’amaguru ane

samedi 31 Rusama 2014

Hari umwigeme w’imyaka 15 y’amavuka ava i Bururi yibarutse umwana w’umuhungu afise amaguru ane. Ikivugwa akaba ari uko yoba ari amahasa yapfuvye.

Itangishatse Louis

Itangishatse Louis, n’umwana w’umuhungu yavutse afise amaguru ane ari hejuru y’umukondo, hafi y’umutima. Yavutse kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2014, i Buta mu ntara ya Bururi.

Nyina w’uwo mwana akaba yitwa Kantore Kelly. Uno avuga ko akicibungenze atigeze amenya ko umwana ari mu nda yoba afise ingorane kuko yumva ahema neza. Muvyatumye atamenya uko umwana yibungenze yoba ameze, akaba aruko ata cuma ca échographie gifotora mu nda yigeze ajamwo kugira barabe umwana uko ameze.

Naho yibarutse umwana afise ubumuga, Kantore Kelly avuga ko yamuvyaye atangorane na zimwe zihabaye kuko yavyaye neza batarinze kumubaga. Itangishatse Louis akaba yavukanye ibiro bikwiye, ibiro 3 n’amagarama 150.

JPEG - 240.9 ko
Kantore Kelly hamwe n’umwana wiwe Itangishatse Louis

Inyuma yaho Kantore Kelly aboneye ko ubumuga umwana wiwe yuvukanye bushobora kumugirira ingaruka zitari nziza ku magara yiwe, yaciye ahitamwo kumuzana i Bujumbura kugira bamusuzume amagara uko yifashe. Kw’igenekerezo rya 12 Rusama 2014 akaba ariho yashika ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge.

Abaganga basanzwe basuzuma amagara ya Itangishatse Louis bavuga ko yifashe neza uretse ko yavutse atameze nk’abandi mu kugira bihimba birenze ivyo yategerezwa kugira. Kuri ivyo bihimba birenzeko, basanze yavukanye amaguru ane, abiri muriyo akaba ari hejuru y’umukondo hafi y’umutima hamwe n’akaboko gafatanye n’ayo maguru ari ku mokondo.

Abaganga bavuga ko Kantore Kelly yari kwibaruka amahasa, ariko basanga umwana afise ingorane kuko yavutse ibihimba bifatanye vy’abantu babiri.

Mwomenya ko ko Itangishatse Louis ari umwana w’imfura ya Kantore Kelly, bikaba bitegekanijwe kuzomubaga mu ndwi itangura y’uwa mbere Ruheshi 2014.


BUKURU Mariella

Messages

  • Abakristu nosaba Ko twosabira iki kibondo kugirango ibikorwa vyababaganga kubijanye Na operation bigende bize bigende neza caaaane. Imana irinde ico kibondo.

  • NAGIRA NDEMESHE KANTORE KELLY NYINA WUWO MWANA NTIYIHEBURE KUKO NKUKO IZINA YAMWISE RIBIVUGA IMANA ITANGUKWIBISHATSE NTABWO RERO VYOBARIBIHANO YAHAWE NIKO YABITEGUYE ;NIYIZERE KO IYUMA YIBAGWA RYUYO MWANA OZORONKIKIBONDO KIMEZE NKABANDI.NDAMWIPFURIJUMUGISHA

  • Imana ikomeza umuvyeyi Yongere umuzigamire ico kibondo, kandi ni areme

  • Yezu, Shira amaboko yawe kurico kibondo, bikira mariya remesha umuvyeyi, mama rugira vyose, hezagira utange inkomezi nububasha bwawe kurabo baganga, wewe nyene uvyikorere, dukomeze gusenga.

  • Imana ifashe nyina wuwo mwana imihe kwigumya muri ivyo bihe arimwo!!

  • imana ikora ivyayo nukwihangane muvyeyi ugume usenga uhoraho azogufasha

  • KUBERIKI MURIKI GIHE HARI UBUMUGA BUTARI BWARIGEZE KUBAHO KUBANA BIBUNGENZWE!DUKOMEZE DUSENGIMANA IBIDUKIZE ABAGANGA NABO BARABE ICO KORWA NGO BIGANUKE.EWE MANA KINGIRA IBIBONDO BIKIRI MUMBANYI BIVUKE BIMEZE NEZA shetani NTIBATERE.AMEN

  • Muvyeyi wihangane umwami YESUazi vyose;Ntakiba atakizi n’ivyawe arabizi nuko unezererwe ico IMANA yaguhaye kuko iragukunda. urondere cane kuyimenya nayo izokwiyereka

  • Muntabare munyishure.None bazomubaga ivyobihimba birengako kugira babite?

  • Kantore Kelly N’iwihangane Guko Imana Izi Gupima Abayo Kandi Urazi Ko Igihe IMANA Igomvye Kugeza Yobu Ko Yarungice Satani Akamuteza Ingorane Nyishi Ariko Yobu Akaruhira Kunesha.Nawe Niwihangane Uzonesha .Kandi Umenye Ko Ikigeragezo Kize Abakuvuga Baratamba Ariko Kikuvuyeko Abakuvuga Baratangara Bakumirwa. Don’t Forget Your God.God’s Allmight. Ntukibagire IMANA Yawe. IMANA Ninyene Ubushobozi@

  • Me I Finished To Send My Thaught But Now And Me I Want To Send My History In Uganda .I Have The Family In Uganda He Is Name Is Burinjiye Fortnatous He Is Born In Iven Fother With My Fother .Now I Want To Greet Him With His Children: Prossy ,phiona,kameya...And Me My Name Is Nizeyimana Joseph I’m Buzutu’s Son Jerome.This Is My Number 69795869.Ok I Live In Burundi.

  • I Want To Tell Some On Will Want To Call .He Will Not Use 69795869 But He Will Use 69795868 And 68389859.But Do Not Use The Below Number Is In The Following Hystory.I Wanna To Send It In UGANDA.Some One He Will See This Hystory He Can Send It At Mr Prossy Or His Family.He Will Fine.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.