Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu hari aho utera ubuhumbu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Umwimbu hari aho utera ubuhumbu

Umwimbu hari aho utera ubuhumbu

mardi 16 Mukakaro 2013

Mu gihe c’ici, ni igihe mu ntara zitandukanye z’Uburundi heze ibiharage. Mu ntara za Kirundo na Muyinga imiduga minini minini ijjayo iroye gusuma ivyo biharage, kugira babijane mu ntara zimwe zimwe usanga umwimbu utameze neza, canke bagaheza bakabimanukana mu gisagara ca Bujumbura.

Uyu mwaka rero mu ntara ya Muyinga ngo umwimbu w’ibiharage ntiwagenze nabi, kuko ijuru ntiryabaye ribi cane nko mu mwaka uheze. Iyo rero umwimbu wa bonetse, hari abanyagihugu baheza bagaca bajana umwimbu wabo mu masoko, hagera guteragira ugasanga basubiye mw’isoko gusuma bushasha. Muri komine ya Giteranyi mu ntara ya Muyinga, ngo imiduga imwe ikwegana, canke imwe bita FUSO, niyo usanga iriko iranyuragiranwa muri iyo komine, ndetse iyo miduga iraja ku mitumba nka yose igize iyo komine kurondera ibiharage, na cane cane ko mu gihe nk’iki c’ici, usanga bizimbutse cane.

Abashinze intwaro, barahimiriza abanyagihugu kudahereza umwimbu mu masoko kuko iyo wishinze gushora, hagera guteragira, ukaja gusaba uwo wimye. Eka ndetse hari naho, hafatwa ingingo ko atagiharage gisubira kurenga ikomine n’imwe igize intara ya Muyinga kandi ivyo bigakorwa ku neza y’abanyagihugu bose. Ibiharage n’imfungurwa itunze abarundi benshi, kuko imfungurwa itagira igiharage, umenga ntaco ushize ku munwa. Abanyagihugu bose rero basabwa kuziganya umwimbu, kudasesagura amatungo yabo, na rirya benshi basesagura ivyo bimbuye bagomaba kwegeranya amafaranga yo kuja kunywa inzoga mu bunywero, canke ugasanga ni inyendamuvano yo kurondera umugore wundi.

Eka noneho, muri iyo komine uguharika kuravurwa cane, kandi benshi bagaharika mu gihe c’ugusarura ivyo bimbuye. Amafaranga mu gihe c’ici araboneka nk’uko bivura n’abamwe mu banyagihugu bo muri iyo komine. Maze wawundi ati :”Amafaranga abonetse haca haboneka n’ikiyarya”. Amafaranga yo mu ci, mu gihe c’ukwimbura aratera ubuhumbu bamwe bamwe, ari naco gituma abanyagihugu atari bake bahanurwa kwama biyumvira ejo hazoza, ntibame bishinga gusesagura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.