Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu w’umuceri uracari muke cane bagereranije n’abawukeneye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Umwimbu w’umuceri uracari muke cane bagereranije n’abawukeneye

Umwimbu w’umuceri uracari muke cane bagereranije n’abawukeneye

lundi 23 Kigarama 2013

Umwimbu w’umuceri uracari muke mu gihe abawufungura babaye benshi ugereranije n’imyaka yahera kuva ico giterwa kiza mu Burundi mu mwaka wa 1890, mbere bigaca bituma ibiciro biguma biduga ku masoko.

Kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 23 Kigarama 2013, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bufadikanije n’ishirahamwe CAPAD (conféderation des Associations des Producteurs Agricoles pour le Dévelopemment) batunganije inama yo kurabira hamwe ingene boteza imbere igiterwa c’umuceri, hamwe no kworohereza imigenderanire y’abasanzwe bakorera muri ico gisata.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odeta Kayitesi, igiterwa c’umuceri gisigaye gifungurwa n’abantu benshi cane bagereranije n’imyaka yahera, ivyo bikaba bimeze gutyo mu gihe umwimbu ukiri muke cane. Ni naco gituma utwigoro dukwiye gushirwa hamwe kugira umwimbu w’igiterwa c’umuceri wongerekane, abawukeneye bakwirwe, eka mbere haboneke n’uwo gushora mu makungu. Umushikiranganji Odeta Kayitesi amenyesha ko inguvu zizoshirwa mu bisata bine, arivyo bikurikira : igisata c’imbuto, igisata c’ukuwurima, ico kuwuhingura hamwe n’ic’ukuwudandaza.

JPEG - 29.4 ko
Odeta Kayitesi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi

Igiterwa c’umuceri kirimwa mu bice vyinshi vy’igihugu, ku mwaka haboneka umwimbu w’amatoni 75000. Ubuhinga buke (faible capacité aux technologies de production), imbuto zimera cane zikibuze, hamwe n’ubushakashatsi muri ico gisata bukiri buke (faible capacité pour la recherche ) ibitigiri vy’abashakashatsi n’ababifitiye ubumenyi bukwiye bake, ivyo vyose biri mu bituma umwimbu uba muke. Umushikiranganji Odeta Kayitesi akizeza ko inguvu zishizwe hamwe utwo tugorane twose twotorerwa inyishu, maze umuceri ugakwira abanyagihugu bose, ntusubire kwitwa indya y’abifise gusa.

Umushikiranganji Kayitesi arashimira kandi amashirahamwe hamwe n’ibigo biteza imbere ico giterwa. Arashimira cane ikigo IRRI (Institut de Recherche sur le Riz) kimaze gutora imbuto 1150. Muri izo mbuto zibiri zikaba zaramaze gutangura guterwa mu kiyaya c’Imbo, izo nazo ni Mvuninzara na Rwizumwimbu.

Mwomenya ko urwo ruganda rwari rwitabwe n’amashirahamwe akorera mu gisata c’uburimyi, amakoperative y’abarimyi, abarimyi, abahingura, abashora n’abaguzi b’umuceri, hamwe n’abasanzwe bafasha muri ico gisata.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.