Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu wabaye mwiza mu gice ca mbere c’irima - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Umwimbu wabaye mwiza mu gice ca mbere c’irima

Umwimbu wabaye mwiza mu gice ca mbere c’irima

lundi 20 Nzero 2014

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi arashima umwimbu wabonetse mu gice ca mbere c’irima caraye kirangiye.

Ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 17 Nzero 2014, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Odette Kayitesi arashimishwa cane n’umwimbu wabonetse mu gice ca mbere c’irima (saison culturale A).

Umushikiranganji Odette Kayitesi akaba yagendeye abarimyi borozi ba kijambere bo mu ntara za Kayanza na Kirundo, intumbero ikaba yari iyo kuraba ingene umwimbu wagenze mu gice ca mbere c’irima hamwe no gutegura igice ca kabiri (saison culturale B).
Urwo rugendo rukaba rwakurikiye urwo yari yakoze mu ntango z’indwi twraye turangije ku magenekerezo ya 13 na 14 Nzero mu ntara za Bujumbura rural, Bururi, Gitega, Kayanza na Ngozi.

Urwo rugendo rwari urwo gusuzuma umugambi wa Reta wo gutanga ifumbire ku giciro gito, ingene wagenze, n’ico woba warunguye ku mwimbu. Umwimbu rero ukaba warongerekanye kuko abanyagihugu bahimirijwe cane ku vyerekeye uwo mugambi wa Reta.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.