Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu wariyongereye bivanye n’umwavu watanzwe ku banyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Umwimbu wariyongereye bivanye n’umwavu watanzwe ku banyagihugu

Umwimbu wariyongereye bivanye n’umwavu watanzwe ku banyagihugu

mardi 24 Ruheshi 2014

Ku va muri Ntwarante umwaka uheze, Reta y’Uburundi yaratangije umugambi wo kurwiza umwavu w’ikizungu mwiza kandi ukwiye mu gihugu cose, umunyagihugu nawe adatanze amafaranga menshi.

Ubu abanyagihugu benshi bakaba bariko baratahura ko isi ndimwa yatitutse, ari naco gitumakugira bashobore kwimbura ari ngombwa bagaterana umwavu. Itituka ry’isi ndimwa mu Burundi rikaba ritumwa n’imvo nyinshi nk’uko bamwe mu bahinga mu gisata c’uburimyi babivuga. Umwavu rero, ukaba ufasha kugira umwimbu wiyongere, mu gihe isi itituka kandi ibandanya yaga, mu gihe iminwa yo gufungura yo ibandanya yiyongera, uko bukeye, uko bwije.

Umugambi wo gutanga umwavu mwiza kandi ukwiye ku murimyi, ukaba waje hageze nk’uko bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Gitega babibariye ikinyamakuru IGIHE. Bavuga ko kuva utanguye, umuryango wahora uronka ibiro bitanu vy’umwavu ubu uronka ibiro bishika hafi mirongo ibiri na bitanu. Eka mbere bakavuga ko vyaragaragaye ko n’umwimbu waciye wiyongera. Igihugu c’Ubuhalande kikaba carafashije mw’itangwa ry’uwo mwavu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.