Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UNICEF: Imiriyoni 230 z’abana bavutse kw’isi ntibazwi imbere y’amategeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > UNICEF: Imiriyoni 230 z’abana bavutse kw’isi ntibazwi imbere y’amategeko

UNICEF: Imiriyoni 230 z’abana bavutse kw’isi ntibazwi imbere y’amategeko

vendredi 13 Kigarama 2013

Amatohoza aheruka gukorwa vuba n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka k’abana, UNICEF (Fond des Nations Unies pour l’enfance) ku bihugu 161 vyo kw’isi, yerekana ko imiriyoni 230 z’abana bavutse batazwi imbere y’amategeko.

Mu cegeranyo caraye gisohotse, ishirahamwe UNICEF ryatangaje ko ica gatatu c’abana kw’isi bari munsi y’imyaka itanu badafise uburenganzira n’ububasha bwo kuja mw’ishure, kuja kwa muganga, eka mbere bataronka n’umutekano ukwiye mu mibereho yabo ya minsi yose. Ico cegeranyo kikaba casohotse kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 Kigarama 2013, umunsi ishirahamwe UNICEF rihimbaza imyaka 67 ihaciye ririko rirarangura imigambi yaryo kw’isi.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwuguruza ibirori vyo kwigina imyaka 67 ihaciye bariko bararangura imigambi yabo kw’isi, Geeta Rao Gupta, icegera c’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe UNICEF yamenyesheje ko kwandikisha abana bakivuka ari uburenganzira ntangere kuri abo bana kandi ko mu gihe bandikishijwe bagira ibibaranga, bagaheza bakamenyekana no mu kibano. “ Iyo abana bandikishijwe imbere y’amategeko, bitanga umwizero ko batazokwibagiranwa canke bakwe uburenganzira bwabo bwo kuba umwenegihugu hamwe n’ubwingenge bwo kuja mw’iterambere ry’igihugu cabo”.

Nk’uko icegerenyo giheruka gusohoka kibivuga, ku bana bavutse mu mwaka w’2012, abashoboye kwandikwa imbere y’amategeko inyuma yo kuvuka, ni ibice 60 kw’ijana gusa. Aziya y’amaja epfo n’igice ca Afrika kiri munsi ya Sahara akaba ari two turere dufise ibice biri hasi vy’abana bamaze kwandikwa.
Ibihugu vyerekanywe bifise igitigiri kiri hasi cane c’abana bandikishijwe, ni Somaliya gifise ibice 3 kw’ijana, Liberiya gifise ibice 4 kw’ijana, Ethiopiya gifise ibice 7 kw’ijana, Zambiya gifise ibice 14 kw’ijana, Tchad gifise ibice 16 kw’ijana, Tanzaniya gifise ibice 16 kw’ijana, Yemen gifise ibice 17 kw’ijana, Guinee-Bissau gifise ibice 24 kw’ijana, Pakistani gifise ibice 27 kw’ijana hamwe na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ifise ibice 28 kw’ijana.

Kubw’ishirahamwe UNICEF, abana batanditswe imbere y’amategeko, ni ikimenyetso cerekana ukutangana n’ubusabagirane mu mibano. Ababangamiwe n’ukwo kutangana, n’abana bari mu mirwi imwe imwe y’ubwoko canke y’amadini, ababa mu mitumba ya kure yo hagati mu gihugu canke bava mu miryango ikenye n’iyitashoboye kugira amahirwe yo kuja mw’ishure.

Geeta Rao Gupta, icegera c’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe UNICEF akaba yahamagariye imiryango yose yo kw’isi, kwandikisha abana bose bibarutse na cane cane ko kwandikisha umwana bifise ingaruka nziza haba ku mwana canke kw’iterambere ry’umuryango n’igihugu.

Mwomenya ko ishirahamwe UNICEF ryihaye intumbero nshasha yo gushigikira mu buryo bwose ama Reta n’imiryango kugira barushirizeho kwiyandikisha imbere y’amategeko, bongere banandikishe abana bakivuka. Mu bihugu bimwe nka Kossovo n’Ubuganda, ishirahamwe UNICEF rikaba ryaratanguye gushigikira kwandikisha abana hakoreshejwe ubuhinga bunyaruka, ubuhinga bwa none bw’amaterefone ngendanwa.


Bukuru Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.