Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruganda ku bashingamateka mu ruhara rwo kurwanya ikiza SIDA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uruganda ku bashingamateka mu ruhara rwo kurwanya ikiza SIDA

Uruganda ku bashingamateka mu ruhara rwo kurwanya ikiza SIDA

lundi 18 Munyonyo 2013

Mu mabanga yabo bajejwe, abashingamateka bafise uruhara ntangere mu guterera ivyiyumviro vyofasha kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA hamwe no mu gutora amategeko adakumira abarwayi umugera wa SIDA.
Kubw’ivyo, inama nshingamateka yo mu Burundi yifadikanije n’urunani mpuzamakungu rw’abashingamateka, yatunganije uruganda rwo kwongerereza ubumenyi mu bikorwa bajejwe, ku bashingamateka bo mu Burundi mu kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA.

Abo bagize urunani mpuzamakungu rw’abashimateka bakaba ari abashingamateka baje bava mu bihugu bitadukanye vyo muri Afrika, nka Tchad, Mozamique, Zimbabwe, Ubuganda, Tanzaniya hamwe n’Urwanda. Intumbero akaba kwari kugira berekane uruhara bafise mu bihugu vyabo mu gufasha kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza urwo ruganda, umukuru w’inama nshingamateka, Piyo Ntavyohanyuma yamenyesheje ko ikiza ruhonyanganda SIDA ari kimwe mu bibuza iterambere, kikanahitaha n’abatari bake mu Burundi. Yagize ati: “Ikiza ruhonyanganda SIDA gifise ingaruka mbi mu mibano kuko gicanishamwo abantu, icuka c’ikumirana hagati mu bantu akaba arico gica kiharangwa, eka n’iterambere muri rusangi ntirishikweko.”

Mu matohoza yakozwe ku Burundi, mu mwaka w’2007, ibice bigera kuri 2,81 kw’ijana vy’abarundi, nibo bari bafise umugera wa SIDA, ivyo bitigiri bikerekana ko vyakorotse ugereranije no mu mwaka w’2002 vyari ku bice 3,3 kw’ijana.
Piyo Ntavyohanyuma amenyesha ko ivyo bitigiri vyagabanutse kubw’inguvu zashizwe hamwe z’abanyagihugu mu kurwanya ico kiza ruhonyanganda SIDA. Kubw’ivyo, asaba ko hobandanya hongerezwa inguvu mu kukirwanya bivuye inyuma kuko ariyo nkwezi yo kudatera imbere mu gihugu mu mice yose.

Kugira ntihasubire kuba n’umuntu n’umwe ahitanwa n’ikiza ruhonyanganda SIDA, hategerezwa kuba ugusenyera ku mugozi umwe, inguvu zigashirwa hamwe ku rwego rw’igihugu cose, abantu bagategerezwa guhimizwa ku bijanye n’ico kiza na cane cane abasanzwe bagendana umugera wa SIDA mu kukirwanya bihereyeko.

Umukuru w’inama nshingamateka yaboneyeho akaryo ko guhamagarira amashirahamwe yose, amashengero, eka abo bose vyega guhagurukira rimwe mu gushira inguvu hamwe kugira ico kiza kirwanywe vy’akarorero, gutyo n’igihugu giheze kirushirizeho gutera imbere. Yasavye kandi ko abashingamateka bokwama bamenyeshwa ivyerekeraniye nico kiza kugira bamenye uruhara bafise mu kukirwanya.

Abashingamateka bo mu Burundi bakaba biyemeje gukurikirana amategeko basanzwe bafise ko adakumirwa abarwayi, bongere barabe n’uburyo butangwa mu gisata co kurwanya ikiza kugira bakirwanye vy’akarorero. Mu bijanye n’amategeko, biyemeje kworohereza abarwayi, kubavugira, kubatahura no kubashigikira mu buryo bwose.

Mwomenya ko inyigisho ziriko ziratangwa ku bashingamateka n’abakenguzamateka bo mu Burundi, zitanzwe mu gihe hasigaye iminsi mike, kw’isi yose hahimbazwe umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza ruhonyangada SIDA. Zikazomara iminsi ibiri kuva kuri uno munsi, igenekerezo rya 18 Munyonyo gushika ku munsi wejo, igenekerezo rya 19 Munyonyo 2013.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.