Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruganda rwo kwigisha uburyo bwo gushingura ibisigarira vy’imiti y’ibitungwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uruganda rwo kwigisha uburyo bwo gushingura ibisigarira vy’imiti y’ibitungwa (...)

Uruganda rwo kwigisha uburyo bwo gushingura ibisigarira vy’imiti y’ibitungwa n’ibiterwa

mercredi 28 Myandagaro 2013

Imiti n’aho ikiza, iyo ikoreshejwe ukutarikwo, ishobora gutera ingorane, mbere n’ingaruka zikarwira haba ku magara y’abantu n’ibikoko canke ku biterwa. Ni muri iyo ntumbero hatunganijwe uruganda rwo kwigisha ingene imiti y’ibikoko n’ibitungwa ikoreshwa n’ingene yokoreshwa neza.

Urwo ruganda rukaba rwari rwatunganijwe na INECN (Institut National pour l’Environnement et la Conservation de la Nature) kuri uyu wa kabiri wa 27 Myandagaro 2013, kugira rwongerereze ubumenyi abaje gukurikirana inyigisho, hama baze baheze bashire mu ngiro amasezerano y’i Stockholm ku bijanye n’imiti imara umwanya munini iriko irakora, « Pops ».

Mu cirwa yariko aratanga, Prosper Muyuku, umukuru w’igisata kiraba ivy’isuku n’amazi meza mu buyobozi bwitaho amagara y’abantu, isuku n’amazi meza mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, yarerekanye ibisigarira vy’imiti baba bakoresheje mu mice itanu akurikije iyo yaje iva, n’ukuvuga ibisagarira vy’imiti iba yavuye mu bitaro, ibitaro vy’abarwaye mu mutwe, ivyumba babikamwo imiti (laboratoire), amavuriro atanga imiti, ibiro vy’abavuzi n’imiti bafatira mu mihana. Ivyo bisigarira vyari bikwiye gufatwa no kushingurwa neza.

Kugira igikorwa co gukuraho ibisigarira bimwe vy’imiti baba bakoresheje kiranguke neza, ni ngombwa gukoresha ikinogo cimbwe gitwara imicafu canke hagakoreshwa uburyo bwo kubiturira.

Ku bijanye naho n’amategeko n’ingene imiti y’ibitungwa n’ibiterwa yokoreshwa, ikanakoreshwa neza, Hamissi Kahondogoro yamenyesheje ko ikoreshwa rya cane ry’imirima n’ihindagurika ry’ibihe bituma imirima ibangamirwa n’udukoko turya ibiterwa mu gihe abarimyi basanzwe bafise uburyo buke bwo kurwanya ibibangamira ibiterwa, hakaba kandi n’ikirukiranwa ridakwiye ku bijanywe no gusuzuma ibiterwa. Muri ico gihe, imiti y’ibitungwa n’ibiterwa nivyo bikenewe kugira udukoko n’ibindi bituma ibiterwa bidakura bituzwe.

Umukuru ajejwe gusuzuma no kumenyekanisha imiti y’ibiterwa n’ibitungwa mu buyobozi bwo gukingira ibiterwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, yamenyesheje ko ikoreshwa ry’imiti y’ibitungwa n’ibiterwa, n’ingene yokoreshwa mu buryo bukwiriye, biguma bigorana gusumba. Ariko yaciye yibutsa ko Uburundi bwafashe ingingo igenga ukungene imiti y’ibitungwa n’ibiterwa ishobora gukoreshwa, ariko ko uburyo bwo kuyikoreshwa bukiri ku rugero rwo hasi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.