Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruganda rwo kwongerereza ubumenyi abari muri FENAS - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uruganda rwo kwongerereza ubumenyi abari muri FENAS

Uruganda rwo kwongerereza ubumenyi abari muri FENAS

jeudi 19 Nyakanga 2013

Urunani rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za Leta (FENAS: Fédération Nationale des Acteurs non étatiques intervenant dans le secteur de la Santé) rwegamiye igisata c’amagara y’abantu, rugashigikirwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) be n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, rwatunganije uruganda ku rwo guhimiriza ku bijanye n’imigambi y’iterambere y’igihugu mu gisata c’amagara y’abantu (PNDS), no gukurikirana aho ibikorwa bigeze mu ntumbero yo kwongerereza ubumenyi abari mu runani rwa FENAS.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza ibikorwa vy’urwo ruganda, uwasetukiye umushikiranganji w’amagara y’abantu, Rubeya Paul Claudel, yashimiye ubwa mbere uruhara rwa FENAS mu ruganda rwo kwongerereza ubumenyi n’abitavye ibikorwa vy’uyu munsi, aca amenyesha ko abari mu gisata kidaharanira inyungu za Leta, badafasha gusa mw’iterambere ry’amagara y’abantu mu kuzanira inyishu abanyagihugu baba bakeneye, ariko no guhimiriza abanyagihugu ku bijanye no gihindura inyifato no kurushirizaho kubabwira ibijanye n’amagara meza.

Albert Mbonerane nawe, umukuru wa FENAS, akaba n’umwe mubatanze ikiganiro mu ruganda rwo kwongerereza ubumenyi abari muri FENAS yamenyesheje ko intumbero y’urwo ruganda gihimiriza abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za Leta kurushirizaho kwitanga mu gisata c’amagara y’abantu, guhanahana ivyiyumviro no kuvugana ivyerekeranye n’urukurikirane rw’ivyokorwa kugira barushirizeho kwongerereza ubumenyi mu gisata c’amagara y’abantu mu Burundi.
Yaciye aboneraho akaryo ko guhamagarira ayandi mashirahamwe yipfuza kwongererezwa ubumenyi ko yoza kwifatanya n’abandi mashirahamwe ari FENAS.

Mwokwibuka ko urunani rwa FENAS rwishinze gushigikira ibikorwa vya PNDS mu ntumbero yo gushikira ihangiro ry’umugambi wishinze kurwanya ubukene no gukorana n’igisata c’amagara y’abantu mu mpande zose.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.