Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruhara rw’abagabo mu gukingira umugera wa Sida umwana akivuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uruhara rw’abagabo mu gukingira umugera wa Sida umwana akivuka

Uruhara rw’abagabo mu gukingira umugera wa Sida umwana akivuka

mardi 3 Kigarama 2013

Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida mu Burundi bafashe umugambi, gushika mu mwaka w’2015, wo kurwanya ukwandura umugera wa Sida ku mwana akivuka, hamwe n’ugufasha umuvyeyi yamwibarutse kugumana ubuzima inyuma y’ukwibaruka. Uruhara rw’umugabo mu guherekeza umukenyezi wiwe kwa muganga, n’ukumufasha gukurikirana imbanyi ni ntangere kugira iryo hangiro rishobore gushikwako.

JPEG - 41.1 ko
Denise Nkurunziza, umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Mu rukurikirane rw’ihimbazwa ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, ihuriro ry’abakenyezi b’abakuru b’ibihugu bo muri Afrika, biyemeje kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida mu Burundi (OPDAS: Organisation des Premières Dames d’Afrique contre le VIH Sida), ihuriro rirongowe n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Denise Nkurunziza, batunganije inama yo guhanahana ivyiyumviro n’uguhamagarira indongozi muvya poritike, abarongoye amashengero, hamwe n’abatowe n’abanyagihugu, kugira barabire hamwe uruhara rw’umugabo mu gushira mu ngiro umugambi wa Reta w’uko mu mwaka w’2015, ata mwana yoba acandura umugera wa Sida ariko aravuka, canke umuvyeyi wiwe ahasige ubuzima.

Denise Nkurunziza, umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ari nawe arongoye (OPDAS Burundi : Organisation des Premières Dames d’Afrique contre le VIH Sida) yamenyesheje ko uwo mugambi wa Reta yo kurwanya ukwandura umugera wa Sida ku bana bavuka uzoshikwako ari uko abantu bose, abatowe n’abanyagihugu, abafasha mw’iterambere, amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, bose boshira inguvu hamwe.

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu yahamagariye abagabo kuza baraherekeza abapfasoni babo iyo bagiye gupimisha imbanyi, kuko bituma umupfasoni agira intege z’ugukurikirana ubuzima bw’umwana akiri mu nda, bakamukingira ivyotuma yandura umugera wa Sida.

N’abandi bose bagiye barafata amajambo muri ico kiganiro, bagarutse ku ruhara rw’umugabo mu kurwanya abana bavukana umugera wa Sida. Jeanne Gapiya, arongoye rimwe mu mashirahamwe yo kurwanya umugera wa Sida, ANSS (Association Nationale du Soutien pour les Séropositifs et Malades du Sida) yasavye ko amavuriro yotunganya ingene iyo umugabo yaherekeje umukenyezi wiwe gupimisha imbanyi bokwinjirana, kuko benshi iyo basigara hanze umukenyezi akinjira wenyene, baca babona ko ari igikorwa c’abakenyezi gusa kitaraba umugabo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.