IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urwaruka > Urwaruka 10 rufise ubushobozi mvukanywa ruri mw’ihiganwa hagati (...)

Urwaruka 10 rufise ubushobozi mvukanywa ruri mw’ihiganwa hagati yarwo

jeudi 9 Ndamukiza 2015

Urwaruka 10 rwatowe mu mihingo itandukanye y’Uburundi kandi rufise impano zutandukanye zishobora kuzotuma ruba imboneza muri kazoza, ruriko rwerekana ibikorwa vyarwo. Igikorwa catangujwe mu mugambi wa Bonesha FM "Academie des Talents".

Biciye mu kiganiro "Ndafis’ikibanza", Radio RFS Bonesha hamwe na Free Press Unlimited, haratowe imboneza mu rwaruka zifise ico zimaze kwerekana mu mpano canke ingabirano mvukanwa. Mu gutanguza ico gikorwa kizohora kiba uko umwaka utashe, Patrick Nduwimana arongoye Bonesha FM, avuga ko umugambi wa "Academie des Talents" waje gufasha kurondera abana bakiri bato ariko bafise ico bashoboye kandi bamaze kwerekana. Nduwimana Patrick avuga kandi ko ari mu ntumbero yo kurondera no gushigikira abo bantu bafise ico bimariye kandi bamariye n’igihugu. Atanga akarorero k’abagwizatunga nka ba Bill Gate batanguye ari abantu basanzwe cane, bakaba ari abakunzi rutura ubu ku mugabane w’isi.

JPEG - 41.1 ko
Patrick Nduwimana, arongoye RSF Bonesah FM

Akamaro ka "Academie des Talents" kandi ni ugushira ahabona no gutera intege urwo rwaruka, ni kandi kuruha amahigwe yo kumenyekana, rwiyumve ko rushigikiwe n’abakuze. Abagwizatunga bo mu Burundi bashobora kwikora kuri bamwe muri urwo rwaruka kubera izo ngabirano rufise.

JPEG - 41.4 ko
Umumenyeshamakuru Aloys Niyoyita

Aloys NIYOYITA ari mu batanguje iciyumviro abona ko isabukuru ya "Academie des Talents" ari akaryo keza ko gufasha urwaruka ruriko rwironderera akazi bivuye ku bumenyi bwarwo. Abivuga atanga akarorero k’umurwi wa Peace and Love wamenyekanye kubera yabasanze iyo bari mu kigo c’impumyi i Gitega none basigaye ari ibihangange mu kuririmba kandi bakaba bitunze.

Ku ncuro ya mbere ya Academie des Talents, hatowe urwaruka 10, kandi ruzotorwamwo umwe azohabwa agashimwe aho bukera kw’igenekerezo rya 10 Ndamukiza muri Ego Hotel. Abatowe :

1) Peres : Yakoze urugomero rutanga amatara mu mihana 65 yo muri zone Mageyo

2) Emelyne : umukobwa w’umutwakazi w’i Bururi, umuhinga mu kubumba

3) Shaquille : umwana abica bigacika mu gucapa

4) Egide na Pacifique : Abaririmvyi babica bigacika bo mu kigo c’impumvyi c’i Gitega

5) Danielle : umwana wo mu gisagara ca Bujumbura akora ibidede muri "Plastique"

6) Masterland : umuhinyanyuzi karuhariwe w’umuziki, avuka mu ntara ya Ngozi

7) Ismail : umukinyi w’amareresi amaze kuronka ubushimwe butari buke

8) Antoinette : umukinyi wa Judo akomeye ari mu bakobwa 100 bakomeye muri Judo

9) Epipode : Umwana w’umutwa wo mu Kayanza, umuhinga mu kijisha

10) Ildephonse : Avuka i Bubanza, bamutazira MUKULULU, karuhariwe mu gutwenza no mu kwigana amajwi y’abantu.

Abo uko ari 11, bariko berekana ibikorwa vyabo muri Ego Hotel, ari naho, aho bukera hazobera ibirori vyo gutora uwa mbere muribo.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • abantu nkabo nabo gukurikiranira hafi kuko bashobora guteza imbere igihugu cabibarutse.namwe mwame mutera imbere mubikorwa vyanyu vyo kwitaho burundi bwejo

  • Gutora uwa mbere muribo kandi badahuje ubumenyi n’impano c est quoi? Uwuririmba n’uwubumba bahuriye vy’ukuri hehe canke kuki? Nimubahe bose ubushimwe ivyo gutora uwurusha abandi mubireke kuko bose ni aba mbere mu mpano zabo.

  • None uwabahamagaye yipfuza uwuzi gukora iki? Jewe nkibisoma nagirango yaramaze gukoresha amahiganwa yo mubumenyi butandukanye, maze havamwo abo cumi numwe (11). Ibi bintu biramaramaje. Nimba atazi ko izo ngabirano zitandukanye, nareke gutukisha incabwenge z’abarundi. Hamwe yotora uwo mubumvyi, yoca abwira iki wawundi yakora urugomero gw’amata?? Yomubwira ngo genda warukoze nabi kandi atawo bahiganywe? N’abamenyesha makuru ntimumaramara kwandika ibintu nkibi? kuki mutabaza. Ba niryo mwabaye benshi.

  • Kosora amakosa yuzuye miri iyinkuru. Kuki mwatangaje abatwa abandi mukabibagigwa? Hatangajwe amazina cumi umutwe w inkuru uvuga cumi mugabo ngo hatowe 11 uwo agora cumi na rimwe yitwa NDE akora iki?

  • "Y", soma neza il y a le duo des chanteurs qui font donc 11

  • Dommage, abantu benshi bapfa kuvuga ivyo batazi. No hanze, muri America par ex., hariho académies nkizo. Hazamwo justement abadahuje talents abandi ho ntiyoba ikibayeyo. Kandi vyoba monotone. 1) uwushitse wese kuri yo niveau aba aruwambere. 2) uwuje muri iri higanwa abagiriwe publicité, biramufasha kubandanya. 3) uwushitse aho ntataha imbokoboko. 4) c’est aussi un show iryohera abaje kurorera kandi ngira barariha.
    Nuko rero, nibaza ko mutegereye. Bravo àtous ces talents.

    N.b. ababishobora murabe show yitwa "talents àrevendre"

  • Mwagize nabi kuko mwaraciye intege abo mutahaye agashimwe kandi nabo muri domene yabo bari abahizi. Vyiza mugire 10basangiye impano nabandi 10basangiye iyindi hama habe celection havemw 2bahabwa udushimwe. Mbe uwagenda muriryo higanwa bamutora gute? Mwara hamagaje kumaradio canke hakoze ka mwana wa mama? Gerageza muhindure mumwaka uza bizobe bitunganije neza. murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.